Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 5:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 ariko ntimukabarize i Beteli, canke ngo muje i Gilugali, canke ngo mushike i Beri‐sheba: kukw ab’i Gilugali bazokwambukanwa ar’ inyagano, n’i Beteli hazotītūka.

Gade chapit la Kopi




Amosi 5:5
34 Referans Kwoze  

Ewe Isirayeli, naho wīgize maraya, ntucumuze Yuda; kandi ntimukaje i Gilugali, canke ngo mudūge i Betaveni, canke ngo murahire uguhoraho kwanje Uhoraho.


Abarahira ubuyobe bg’i Samariya, bati Nk’ ukw imana yawe ihoraho, ewe Dani; kandi bati Nk’uko bga bgirukiro bgawe bur’ aho, ewe Beri‐sheba: na bo nyene bazogwaho, ntibasubire kuvyuka ukundi.


Enda ni mwiyizire i Beteli, mucumure, n’i Gilugali, mwirundanirize ibicumuro! Ego me ni mwizanire ibimazi vyanyu uko bukeye, mutange n’ibigiracumi vyanyu ukw imisi itatu ishize!


Aburahamu atera igiti citwa umwesheri i Beri‐sheba, yambarizay’ izina ry’Uhoraho, Imana ihoraho.


kuk’ ubutunzi bungaho bukomvomvotse mw isaha imwe! Kandi nyen’ ubgato wese, n’umuntu wese ajabukirizwa mu bgato ahantu hose, n’abasoza, n’abatunzwe n’ikiyaga, bari bahagaze kure,


Yamara, tuvugana ubgenge hagati mu bātunganijwe rwose, arik’ ubgo bgenge s’ubg’ iki gihe, cank’ ubg’ abaganza b’iki gihe bagenda bayōka.


kandi n’ivyoroshe vyo mw isi, n’ibikēngērwa, mbere n’ibitariho, Imana yarabitoranije ngw itītūre ibiriho:


nuko rer’ uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umugore wawe azocika maraya mu gisagara, kand’ abahungu bawe n’abakobga bawe bazokwicishwa inkōta, n’itongo ryawe rizogabuzwa umugozi: nawe ubgawe uzogwa mu gihugu cāhumānye, kand’ Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’ inyagano bakūwe mu gihugu cabo.


Mbeg’ i Gileyadi ntihar’ ibigabitanyo? Eka rwose n’abatagira ikimazi! I Gilugali bacumita amapfizi kw ibimazi: mber’ ibicaniro vyabo bimeze nk’ibihongo vyo mu busīze bgo mu ndimiro.


Ibitabo vyatabge muri Aveni, ari vyo gicumuro c’Abisirayeli, na vyo bizosangangurwa; amahwa n’ibitovu bizomera ku bicaniro vyabo; maze bazobarira imisozi, bati Ni mudupfuke; n’imirambi, bati Ni mutugweko.


Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali; ni ho nabazinukiwe; kubg’ ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje; sinzoba nkibakunda ukundi: abaganwa babo bose n’ abagarariji.


Kuk’ umuntu w’agaterabgoba atituwe, n’umucokoranyi aheze, kand’ abatambira kugabitanya bose barahonnye,


Ni muje inama, ariko zizopfa ubusa; ni muje ingingo, ariko ntizoshika, kukw Imana iri kumwe natwe.


Uhoraho ahindura ubusa imigabo y’amahanga, Atuma ivyiyumviro vy’amoko bipfa ubusa.


Abakwanka bazokwambikwa isoni, Kand’ ihema ry’inkozi z’ibibi ntirizoba rikibaho ukundi.


Maze Samweli abarira abantu, ati Ni muze tuje i Gilugali, dusubire dukomeze ivy’ ubgami.


Kand’ uk’ umwaka utashe yama agīshanya imbu kuja i Beteli n’i Gilugali n’i Misipa, acīra Abisirayeli imanza mur’ iyo myanya yose;


Muzovyara abahungu n’abakobga, ariko ntibazoba abanyu, kuko bazoshorerwa ar’ inyagano.


Ni co catumye yita aho hantu Beri‐sheba, kukw ari ho barahiriye bompi.


imfura yiwe yitwa Yoweli, uw’ ubuheta yitwa Abiya. Baba abacamanza b’i Beri‐sheba.


Umwami araheza yīgīra inama, acurisha ibishushanyo vy’ amamasa bibiri mw izahabu, abarira abantu, at’ Erega birabagoye kwama mudūga i Yerusalemu: ehe rāba, ngizi imana zanyu zabakūye mu gihugu ca Egiputa, yemwe Bisirayeli!


Maze kimwe agishinga i Beteli, ikindi i Dani.


Kuk’ umusi nzohanakw Abisirayeli ibigabitanyo vyabo, nzohana n’ibicaniro vy’i Beteli; kand’ amahembe y’igicaniro azocibga atsindwe hasi.


Maze Amaziya umuherezi w’i Beteli atuma kuri Yerobowamu umwami w’Abisirayeli, uti Amosi yagutereye abantu umugararizo mu b’inzu ya Isirayeli: igihugu nta ho cotorana itiro amagambo yiwe n’ukw angana.


ariko ntusubire kuvugishirizwa i Beteli ukundi, kukw ari ho har’ ikigabiro c’umwami, bo n’ihorezo ry’igihugu.


Avayo aradūga, aja i Beri‐sheba.


Aryita Shiba: ni co gituma ico gisagara citwa Beri‐sheba na bugingo n’ubu.


Uhoraho abarira Yosuwa, at’ Uyu musi mbakūyekw agakēngērwe Abanyegiputa bābakēngereye, ndagatembagaje. Ni co catumye aho hantu hitwa Gilugali na bugingo n’ubu.


Akūra abaherezi bose mu bisagara vy’i Buyuda, ahumanya ibitabo ah’ abo baherezi bāhora bosereza imibavu, uhereye i Geba ugashitsa i Berisheba, asitagura ibiti vyo mu bitabo vyatabge ku marembo, vyari mw ishikiro ry’irembo rya Yosuwa umubgiriza w’igisagara, ahahera i bumoso bg’umuntu iy’ aca mw irembo aja mu gisagara.


Abanyamowabu bazomāramāzwa na Kemoshi, nk’ ukw ab’ inzu ya Isirayeli bāmāramājwe n’ivy’ i Beteli bāri bishimiye.


Kandi nzovunagura ibihindizo vy’i Damasiko, mpenebereze ababa mu kiyaya c’i Aveni, bo n’uwitwaje icumu ry’ubugabe w’i Beti‐Edeni; kand’ ihanga ry’i Siriya rizokwambukanwa i Kiri ar’ inyagano, ni k’Uhoraho agize.


kand’ ibitabo aba Isaka bātavye ku mpinga z’imisozi bizosigara bitamāriwe, n’ahantu hēra h’Abisirayeli hazosangangurwa; kandi nzohagurukira inzu ya Yerobowamu nitwaje inkota.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite