Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 5:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Inkumi, ari yo Bisirayeli, iguye bukumbi; ntizokwongera kuvyuka ukundi! Irambaraye ngaho mu gihugu c’i wabo, kandi nta wo kuyivyura ariho!

Gade chapit la Kopi




Amosi 5:2
27 Referans Kwoze  

Ubabgire rer’ iri jambo, ut’ Amaso yanje acunduguta amosozi ku murango no mw ijoro adahengeshanya; kuk’ umukobga w’inkumi, ari we bgoko bgacu, avunitse, ari n’imvune nini, ari n’uruguma rubi rwose.


Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;


Abarahira ubuyobe bg’i Samariya, bati Nk’ ukw imana yawe ihoraho, ewe Dani; kandi bati Nk’uko bga bgirukiro bgawe bur’ aho, ewe Beri‐sheba: na bo nyene bazogwaho, ntibasubire kuvyuka ukundi.


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Imisi ibiri ishize azoduhēmbūra: ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa, tube bazima imbere yiwe.


Nokubarira iki? Nokugereranya n’iki, ga mukobga Yerusalemu we? Noguhwanya n’iki kugira ngo nguhūmurize ga nkumi Siyoni we? Kuk’ uruguma rwawe ari runini nk’ikiyaga: ni nde yoshobora kukuvūra?


kand’ uz’ uvuge, ut’ Uku ni ko Babuloni hazodobera, ntihasubire kwiburuka ukundi, kubg’ ivyago Uhoraho azohatēza: kandi bazoba badendebukiwe. Amajambo ya Yeremiya agarukiye aho.


Umunyabgibone azotsitara atembe, ntihagire ūmuvyutsa: kandi nzokwanda umuriro ibisagara vyiwe, uzotongora abamukikije bose.


Nzosubira kukwubaka, nawe uzoba wubakitse, ewe nkumi, ni yo Bgisirayeli: uzosubira gushazisha udushako twawe tw’ingoma, usohoke uvyinane n’abanezerewe.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, at’ Enda ni mubaze mu mahanga ko hoba har’ uwumvise ibimeze birtyo; inkumi, ni yo Bisirayeli, yakoze ibibi vy’ubuyobe.


Habūwe ubugesera bugerekeranye n’ubundi; kukw igihugu cose kinyazwe, amahema yanje anyazwe giturumbuka, mber’ ayo nashinze anyazwe mu kanya isase.


ababgira ikigegene, bati Ni wewe data; bakabgira ibuye, bati Ni wewe wamvyaye: kuko banteye ibitugu, ntibabe bakinshirakw amaso; ariko mu gihe c’ivyago vyabo bazotakamba, bati Haguruka udukize.


agashikimura imikogote n’amafarasi, ingabo n’abahizi; birambaraye hamwe, ntibizovyuka ukundi; biradegeye, birazimye nk’ urutambi:


Ut’ Iri ni ryo jambo Uhoraho yamuvuzeko, at’ Umukobga w’inkumi w’i Siyoni aragukēngereye, agutwengeye mw ijigo; umukobga w’i Yerusalemu akuzungurije umutwe.


Isi izodandabagirana nk’imborerwa, izonyiganyizwa irya n’ino nk’umutara; igicumuro cayo kizoyiremēra, kand’ izotemba, ntiyongere kuvyuka ukundi.


Ni mwitegure gutōtōra abana biwe kubg’ ukugabitanya kwa ba sekuruza; boye kuvyuka ngo bakevye isi, buzuze isi yose ibisagara.


I Yerusalemu haradandabagiranye, i Buyuda haratemvye; kuk’ ururimi rwabo n’ibikorwa vyabo ar’ ibigarariza Uhoraho, bakajinyūrira imbere y’inyonga ziwe z’icubahiro.


Nuko bata amabgirizwa yose y’Uhoraho Imana yabo, bīronkera ibishushanyo bibiri vy’ amamasa bavugutiye mu nkero, bakīronderera Ashera, bagasenga ingabo zose zo kw ijuru, ari zo nyenyeri, bagasaba Bayali,


Kandi ku ngoma ya Peka umwami w’Abisirayeli, Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri araza, atera ahitwa Iyoni n’i Abeli‐beti‐mayaka, n’i Yanowa n’i Kedeshi, n’i Hasori n’i Gileyadi, n’i Galilaya n’igihugu cose c’i Nafutali; abantu baho abajana i Ashuri ar’ inyagano.


Kand’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho abaza, ati Mbeg’ abantu iyo batemvye ntibasubira kuvyuka? Cank’ umuntu iy’ ahuvye inzira ntasubira kugaruka?


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?


Kuk’ urupfu rwūriye rugaca mu madirisha yacu, rukinjira n’i bukuru bgacu; rukaririka abana bari hanze, n’abasore bari mu mayira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite