Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ni mwumve iri jambo ry’agacurantimba mbavuzeko, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli:

Gade chapit la Kopi




Amosi 5:1
19 Referans Kwoze  

Ikindi, cura intimba uririre inda y’ingoma y’Abisirayeli,


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mwitegereze ivyo, muhamagare abagore bazi kuvuza induru, mutume ku bagore babizi cane, kugira ngo baze:


Ngira ndirire imisozi ndayiborogere, ncurire akanihiro amātsi yo mu biyaya, kuko haturiwe, ata wukihaca, kand’ ata wucumva kwābagirana kw’amasho; inyoni zo mu kirēre bo n’ibikōko birahunze, biragiye.


Ni wiharangure umushatsi, ewe Yerusalemu, uwushibure; uheze uturike uborogere ku mpinga mu ruharabuga; kuk’ Uhoraho yaciye ab’ uru runganwe yarakiye, akabaheba.


Uwo musi muzoba iciro ry’imigani, mucure intimba, muti Biracitse! Turageseye! Umugabane w’ubgoko bgacu yawuhaye abandi, arawutunyaze! Amatongo yacu yayagabanganije abanyazi!


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize, ari we Mwami, ati Hazoba amaborogo mu nzira zose z’ibihamo, kandi mu mayira yose bazovuga, bati N’ubuyobe, n’ubuyobe! Bazohamagara n’abarimyi ngo barire, n’abazi gucura intimba ngo baboroge.


Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!


Ni mwumve iri jambo Uhoraho abavuzeko, yemwe Bisirayeli, arivuze ku muryango wose yadūganye, awukūye mu gihugu ca Egiputa,


Ako ni ko gacurantimba bazocura; abakobga b’amahanga bazocura intimba bartyo: ni ko bazocurira intimba Egiputa n’ishengero ryaho ryose, ni k’Umwami Uhoraho agize.


riti Mwana w’umuntu, cura intimba uririre Farawo umwami wa Egiputa, umubgire, uti War’ ūhwanye n’umugunza w’ intambge yo mu mahanga; yamar’ umeze nk’ingona iri mu kiyaga; widimbagura mu nzūzi zawe, amazi uyatobesha ibirenge, uca iyondoyondo inzūzi zabo.


riti Mwana w’umuntu, cura intimba uririre umwami w’i Tiro, umubgire, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Ni wewe war’ akaminuza ka vyose, wuzuye ubgenge, ukaba mwiza vy’agahore.


riti Nawe, mwana w’umuntu, cura intimba uririre Tiro;


Kandi bazocura intimba bakuririra, bakubgire, bat’ Ewe kuntu ugeseye, wewe wahora ubābgamwo n’abagenda uruja n’uruza mu kiyaga, war’ igisagara rurangiranwa, kandi war’ agakomeye ku kiyaga, mwe n’abākubamwo, abāhora bateye ubgoba ababa ku kiyaga nyene!


Kand’ umuriro wavuye muri rya shami, uturira ayandi mashami yawo, n’inzabibu zawo, bituma ata shami rinoze ryo kuvamw’ inkoni y’ubugabe yo kuganzisha iwusigarako. Ayo majambo n’ay’ agacurantimba, kand’ azohora acurishwa intimba.


Yemwe bagore, ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, amatwi yanyu yumvirize ijambo ryo mu kanwa kiwe; mwigishe abakobga banyu kuboroga, umugore wese yigishe mugenzi we gucura akanihiro.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, at’ Enda ni mubaze mu mahanga ko hoba har’ uwumvise ibimeze birtyo; inkumi, ni yo Bisirayeli, yakoze ibibi vy’ubuyobe.


Abarahira ubuyobe bg’i Samariya, bati Nk’ ukw imana yawe ihoraho, ewe Dani; kandi bati Nk’uko bga bgirukiro bgawe bur’ aho, ewe Beri‐sheba: na bo nyene bazogwaho, ntibasubire kuvyuka ukundi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite