Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Nanje nabahaye kuba ubgūmakanwa mu bisagara vyanyu vyose, no kubura ivyo kurya mu ngo zanyu zose; na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.

Gade chapit la Kopi




Amosi 4:6
31 Referans Kwoze  

Nabateje kurumvya n’ururyi n’urubura ku vyo mwakoresheje amaboko yanyu vyose: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.


Mbeg’ Uhoraho, inyonga zawe ntizitegereza ivy’ ukuri? Warabakubise, ntibābibabara; warabatūbije, banka guhaha: bākomantaje mu maso habo gusumvya ibuye; banse kugaruka.


Yamar’ abantu ntibāhindukiriye uwabakubise, kandi ntibārondeye Uhoraho Nyen’ ingabo.


Kandi namuhaye uburyo bgo kwihana, ntiyakunda kwihana ngw areke ubushakanyi bgiwe.


Nzogenda nisubirire i wanje, kugeza aho bazokwemerera igicumuro cabo, bakarondera mu nyonga hanje: babonye ivyago bazoca bandonderana umwete.


Ni navuna inkoni mwegamiye, ari yo vyo kurya vyanyu, abagore cumi bazoderenganiriza mu ziko rimwe, botsa udutsima, bazosigara babagaburira udutsima twa mugerwa: murye ututabahāgije.


Nuko rero, ehe rāba, ngushingirije ukuboko kwanje, ntuvye ingaburo yawe, nkugabure mu bakwanka ngo bakugire uko bagomba, ni bo bakobga b’Abafilisitiya, bāmāramājwe n’ubgēruzi bgawe.


Uhoraho, umanitse ukuboko, yamara ntibabibona; ariko bazobona umwete ugirira abantu, bamāramāre; mber’ umuriro uzorigata abansi bawe.


Rāba Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, anyaze ab’ i Yerusalemu n’Abayuda icishimikizo n’inkoni begamiye, icishimikizo cose, ari co vyo kurya vyabo, n’icishimikizo cose, ari co mazi yabo;


Maz’ uwo mwami Ahazi nyene, igihe aburaniwe arushiriza kuja imbere gucumura k’ Uhoraho,


Kandi Elisa yari yarabariye wa mugore yazurira umwana, at’ Enda genda, mwe n’abo mu rugo rwawe, urondere ah’ usuhukira, kuk’ Uhoraho arekuye inzara, kand’ izomara imyaka ndwi mu gihugu.


Hanyuma Elisa asubira i Gilugali; ico gihe hari harateye inzara mu gihugu. Maz’ abiga ivy’ ukuvugishwa bicaye imbere yiwe, abarira umuntu wiwe, ati Tereka ya nkono nini ku ziko, utekere imboga aba biga ivy’ ukuvugishwa.


Nuko Eliya aragenda, ngw aje kwiyereka Ahabu. Ico gihe kigoyi cari cinshi cane i Samariya,


Bukeye Eliya w’i Tishubi, umwe mu bāgerereye i Gileyadi, aragenda abarira Ahabu, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’ imvura ngw ikoroke mur’ iyi myaka, atari jewe mbivuze.


Muzosohora imbuto nyinshi, mwimbure bike, kukw inzige zizobirya.


Iyo nsohotse nkaja ku gahinga, nsanga abariritswe n’inkota; nashika mu gisagara, ngasanga abazingamitswe n’inzara! Kuko ba kamenyi n’abaherezi bagendagenda mu gihugu ata co bazi.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega ntibizorushiriza kuba birtyo kuri Yerusalemu, igihe nzoharekurira ivyo bihano bihambaye ukw ari bine, ni vyo nkota n’inzara n’ibikōko vy’inkazi n’ ikīza, kugira ngo ndaharandure abantu n’ibitungano?


Mbeg’ ivyo kurya ntivyavumbuwe twirorērera? Mbere n’umunezero n’ibihimbaro ntivyakūwe mu ngoro y’Imana yacu?


Ivyo ni bitātuma mwihana ngo mumpindukirire, ariko mugashishikara kugenda munyuranya nanje,


Mu misi y’abacamanza ikigoyi cateye mu gihugu. Nuk’ umugabo w’i Betelehemu h’i Buyuda asuhukira mu gihugu c’i Mowabu, bo n’umugore wiwe n’abahungu biwe bompi.


Abasiriya bazomuturuka imbere, Abafilisitiya na bo bamuturuke inyuma: bazokwasamira Isirayeli bamutsontsomere. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


Ntibazosubira mu gihugu ca Egiputa, yamar’ Umwashuri ni we azoba umwami wabo, kuko banse kungarukako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite