Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 4:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Mutange imitsima yambiwe kw ibimazi vyo gukenguruka, n’ivyo mutanga muvyigombeye ni muvyāmāmaze, mubikwize! Kukw ivyo ari vyo bibahimbara, yemwe Bisirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.

Gade chapit la Kopi




Amosi 4:5
19 Referans Kwoze  

Igihe nabona Abisirayeli, bari bameze nk’inzabibu ziri mu bugaragwa; ba sogokuruza nababonye bameze nk’insukoni z’isega zo ku musukoni ugitangura kwama: ariko bāgiye kuri Bayali y’i Peyori, bīyegurira ako gatētereza, bahinduka umuziro nk’ico nyene bakunze.


Nanje ndabareka, ngo bakurikire ugukomantara kw’ imitima yabo, Ngo bagendere mu migabo bigeneye.


Ni wagira ubuntu, ntuz’ uvugishe inzamba imbere yawe, nk’ukw indyarya zikora mu masinagogi no mu nzira, ngo bashimwe n’abantu: ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.


Sigaho kunezerwa, ewe Isirayeli, nk’ukw abanyamahanga bīnezererewe; kuko wīgize maraya, ukava ku Mana yawe, wakunze impēra z’ubumaraya ku mbuga zose zanikira impeke.


Kandi nk’uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni kw Imana yabahevye ngo bagire imitima y’akāhebge, bakore ibitabereye;


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, mutanga ikigiracumi c’imbgija na anisi na kumino, ariko mwaretse ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera; arikw ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.


Bansengera ubusa, Kukw inyigisho bigisha ar’ ivyagezwe n’abantu.


Mu ngo zanyu muze mukūremw’ imitsima ibiri yo kuba ishikanwa ryo kuzunguzwa; ibe ivy’ ibigiracumi bibiri vy’ingero yitwa efa y’ifu; iyo fu ibe igogōretse, icumbanywe n’ umwambiro, ngw ibe ishikanwa ryo ku vyimburwa vy’umushuzo mpabga jewe Uhoraho.


Mbega birashoboka ko mwiba, mukica, mugasambana, mukarahira ibinyoma, mukosereza Bayali imibavu, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya,


maze mukaza mugahagarara imbere yanje mur’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mukavuga, muti Turakijijwe: mwaheza mugakora ivyo bizira vyose?


Nzinutswe imisi mikuru yanyu, ndayigaye, kandi simpimbawe na gatoya n’amakoraniro yanyu y’agahebuza.


Mbere naho mwonshikanira ibimazi vyoswa n’amashikanwa y’amafu, sinzovyemera; kand’ ibimasa vyanyu binuze muzanakw ibimazi vy’ ishimwe, sinzobishirako n’ijisho.


Ivyo Yesaya mwene Amosi yeretswe, ivyo yabonye ku b’i Buyuda n’i Yerusalemu, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda.


Ibimazi vyanyu vy’isinzi bimmariye iki? ni k’Uhoraho abaza. Ati Mpāze ivyo bimazi vyoshejwe vy’amasuguru y’intama, n’ibinure vy’ibitungwa bivyibushe; kandi simpimbarwa n’amaraso y’amashūri n’ay’ imyagazi y’intama n’ay’ amasuguru y’impene.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite