Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Enda ni mwiyizire i Beteli, mucumure, n’i Gilugali, mwirundanirize ibicumuro! Ego me ni mwizanire ibimazi vyanyu uko bukeye, mutange n’ibigiracumi vyanyu ukw imisi itatu ishize!

Gade chapit la Kopi




Amosi 4:4
16 Referans Kwoze  

Ewe Isirayeli, naho wīgize maraya, ntucumuze Yuda; kandi ntimukaje i Gilugali, canke ngo mudūge i Betaveni, canke ngo murahire uguhoraho kwanje Uhoraho.


Namwe, mwebge ab’ inzu ya Isirayeli, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Hogi ni mugende, umuntu wese n’asabe ibigirwamana vyiwe! Ariko hanyuma muzonyumvira, kand’ izina ryanje ryera ntimuzoba mukirihumanisha amashikanwa yanyu n’ibigirwamana vyanyu.


None ni mwuzurize ingero ya ba sogokuruza banyu.


ariko ntimukabarize i Beteli, canke ngo muje i Gilugali, canke ngo mushike i Beri‐sheba: kukw ab’i Gilugali bazokwambukanwa ar’ inyagano, n’i Beteli hazotītūka.


Mbeg’ i Gileyadi ntihar’ ibigabitanyo? Eka rwose n’abatagira ikimazi! I Gilugali bacumita amapfizi kw ibimazi: mber’ ibicaniro vyabo bimeze nk’ibihongo vyo mu busīze bgo mu ndimiro.


Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali; ni ho nabazinukiwe; kubg’ ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje; sinzoba nkibakunda ukundi: abaganwa babo bose n’ abagarariji.


Agaruka ubugira gatatu, arababarira, ati Ni mwisinzirire noneho, muruhuke: biraheze. Igihe kirashitse; rāba Umwana w’umuntu ashizwe mu maboko y’abanyavyaha.


Maz’ imisi yose ku murango no mw ijoro yama mur’ ayo masenga no ku misozi, ataka, yikebesha amabuye.


Kuk’ umusi nzohanakw Abisirayeli ibigabitanyo vyabo, nzohana n’ibicaniro vy’i Beteli; kand’ amahembe y’igicaniro azocibga atsindwe hasi.


Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.


Maz’ agaruka ku bigishwa, arababarira, ati Ni mwisinzirire noneho, muruhuke. Eh’ igihe kirashitse, Umwana w’umuntu ashizwe mu maboko y’abanyavyaha.


Ni mwamara gukūra ikigiracumi ku vyo mwejeje vyose mu mwaka ugira gatatu, ari wo mwaka wo gutangamw’ ibigiracumi nyene, muze mubihe Abalewi n’inyambukīra n’impfuvyi n’abapfakazi, babirīre i wanyu, bahāge;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite