Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!

Gade chapit la Kopi




Amosi 4:1
49 Referans Kwoze  

Impfizi nyinshi zirankikije, Impfizi z’ubukombe z’i Bashani zintaye hagati.


Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga!


Nuko rero, ko mwasiribanze umurushwa, mukamutoza utugano twiwe; amazu mwiyubakishirije amabuye abajwe, ntimuzoyabamwo; imirima myiza y’imizabibu mwateye, ntimuzonywa vino zayo.


Muzorya inyama z’abahambaye, munywe amaraso y’abaganwa bo mw isi, n’ay’ impfizi z’intama, n’ay’ imyagazi, n’ay’ impene, n’ay’ ibimasa, vyose ar’ ibivyibushe vy’i Bashani.


Nuko ndasubira nitegereza ivy’ agahahazo vyose bikorerwa musi y’izuba: kand’ eh’ amosozi y’abahahazwa ntibaronke ikibīrūra; kand’ ububasha bgari ku ruhande rw’ ababahahaza, ariko bo ntibaronke ikibīrūra.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kandi bāgabanganishije abantu banje ubupfindo, umuhungu bakamutanga kw impēra ya maraya, n’ umukobga bakamugura vino ngo bīnywere.


Abantu b’abanyagihugu barahahaza bakambura; mbere bakagirira nabi umugorwa n’umukene, bakadendereza umuntu w’akavantara.


Abaganwa baho bameze nk’amabingira atabagura ico ahīze; bavisha amaraso, bagahonnya abantu, ngo bironkere inyungu.


Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ababa muri wewe bakēngēra ba se na ba nyina; muri wewe ni ho bahahariza umuntu w’akavantara; muri wewe ni ho barīra impfuvyi n’ abapfakazi.


Nebukadineza umwami w’i Babuloni yaramfyonderanije, arandotsa, angira urwavya rusigaye ubusa, yaranyongobeje nk’igisato c’amahēro, yagemereje inda yiwe ivyar’ ivyiza vyanje; yaranyirukanye.


Ni mwice amakombe yaho yose; n’amanuke aje kubāgwa. Babonye ibara! Kuk’ umusi wabo washitse, ni wo gihe co kūzirwa kwabo.


ni mudahahaza ingenzi cank’ impfuvyi cank’ umupfakazi, ntimuvishirize amaraso y’ūtācumuye aha hantu, ntimugendanire izindi mana, bikababera icago:


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni mwicire ibiti, murundire Yerusalemu ikigunguzi co kwūririrako: ico gisagara gikwiye kūzirwa; nta kindi kiri muri co atar’ agahahazo.


Mbeg’ uku si kwo kwisonzesha nshima? S’ukubohora abantu ingoyi z’ukugiriranira nabi, no guhamburura imigozi abatwazwa igitugu, no kurekura impahazwa ngo zīdegemvye, mukavuna ivy’ ugutwaza igitugu vyose?


Bazobona ibara, abomeka ingo ku zindi bakīkumirakw amatongo, gushitsa hatagira ahasigaye, mukaba ari mwebge mwenyene musigaye mwiganziye hagati mu gihugu!


Ni wabona umworo ahahazwa, kand’ urubanza n’ibiroranye vyicwa ku manyama mu gihugu, ntibize bigutangaze: kukw Iyirusha abakuru ubukuru ivyitegereza, kandi har’ ubukuru bubarengeye.


Ndazi yuk’ Uhoraho azohagarikira impahazwa mu mibūrano, N’umukene azomuhagarikira mu manza.


Kubgo kunyagwa kw’umugorwa, kubgo kwitsa umutima kw’umukene, Ubu nyene ndahaguruka, ni k’Uhoraho agize, Ndashira uwo bakanira ahatagira inkomanzi.


Kuko yahahaje aboro, akabīrengagiza; Yinjiye urugo atubatse.


bukeye agura na Shemeri umusozi w’i Samariya, atanga italanto zibiri z’ifeza, yubaka kur’ uwo musozi; umurwa yubatse awita Samariya, awitiriye Shemeri nyen’ uwo musozi.


Imirima yo mu ndimiro zanyu, n’ivyo mwakoze vyose, bizoribga n’ihanga mutazi; muzokwama muhahazwa mucuranguzwa na ntaryo,


Kuko vyabanezereye, bikabahimbara, mwebge abanyaga ishamvu yanje; kuko mwikirigita nk’inka y’iriza yo mu magarama, mukaroherana nk’amafarasi y’inkomezi;


Muri mwebge ntihaze hagire ūgirira nabi umukozi w’umucangero, kand’ ar’ umworo w’umukene, ar’ uwo mu b’i wanyu, cank’ uwo mu banyamahanga baba mu bisagara vyanyu, mu gihugu canyu:


akagunga impahazwa n’umukene, akanyaga ku gahahazo, akima ingwati nyeneyo, akunamurira amaso ibigirwamana, kand’ agakora ibizira,


bakanywesha vino ivyato, bakīsīga amavuta yinjiye; ariko ntibaruha bababazwa n’amazigirizwa y’aba Yosefu.


Barahindukira, baradūga, bajana inzira ija i Bashani: Ogi umwami w’i Bashani abategesha ingabo ziwe zose; intambara irumanira ahitwa Edireyi.


Bashiburira abagorwa hirya y’inzira: Impahazwa zo mu gihugu zikanyegagira hamwe.


Umutunzi atwaza aboro amanyama, Kand’ uwariye umwenda aba umushumba w’uwo yawuririye.


Igitsibo c’ubgibone bg’ababorewe b’Abefurayimu kizobona ibara, bo n’ishurwe ry’ ubgiza bg’icubahiro ciwe rikabiranye, riri ku mutwe w’ikiyaya kimera cane c’abatsindwa na vino, na ryo rizobona ibara.


Bati Ni muze mbazanire vino, twinywere inturire duhimbe. N’ejo na ho bizomera nk’uku, bizonarushiriza.


Nzorondera iyazimiye, ngarukane iyahuvye, nunge īvunitse, nsindagize īrwaye, izivyibushe n’izikomeye ndazibogeke; zose nzoziragira mu buryo buroranye.


Ni mwumve iri jambo Uhoraho abavuzeko, yemwe Bisirayeli, arivuze ku muryango wose yadūganye, awukūye mu gihugu ca Egiputa,


Mbega babiri bojana bataraganye?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite