Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Intambge irīvuze, none ni nde atotinya? Umwami Uhoraho aravuze, none ni nde atovugishwa?

Gade chapit la Kopi




Amosi 3:8
17 Referans Kwoze  

kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise.


Cank’ intambge yokwivugira mu kibira ata co yishe? Umugunza w’intambge wotontomera mw isenga ryawo ata co wafashe?


Iyo mvuze, nti Sinzosubira kumuvuga, canke ngo ngire ico mvuga mw izina ryiwe, haca haba nk’umuriro uyingana mu mutima wanje, uhīshije uburimbi amagufa yanje, bikangora kwiyumanganya, nkaba ntobishobora.


Nuko yaravuze, at’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; maz’ amaragiro y’abungere azosigara aganya, no ku gatwe k’i Karumeli hazokwuma.


Umwe muri ba bakuru arambarira, ati Nta co urira; eh’ Intambge yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo ku gishitsi ca Dawidi, yaranesheje, ngw azingurure igitabo, amene ibikimatanije ndwi.


Iyo mvuga ubutumwa, singira ico nirata; kuko mfise ikingōbēra: ntavuze ubutumwa nobona ibara.


Ariko mwebge mwāhaye Abanaziri vino ngo bayinywe, mutako mubuza abo mvugisha, muti Ntimukavugishwe.


Maze Petero n’intumwa barabishura, bat’ Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.


ati Ni mugende, muhagarare mu rusengero, mubarire abantu amajambo yose ya bga Bugingo.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho ambariye, ati Nk’ukw intambge, cank’ umugunza w’intambge igwangwarira ku co yishe, iy’ abungere benshi batabajwe kurwana na yo, ntikangwe n’amajwi yabo, kandi ntiteshwe n’urwamo rwabo, uko ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo azomanurwa no kurwanira ku musozi Siyoni no ku mutumba waho.


Kur’ uwo musi nzomereza ab’ inzu ya Isirayeli ihembe; nawe nzoguha guteranurira akanwa hagati muri bo; maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho.


Ewe wa muhūre wanje, ewe mpeke zo ku mbuga yanje! Ivyo numvise bivuye k’Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ni vyo mbabariye.


Maze Yeremiya abarira abaganwa bose n’abantu bose, at’ Uhoraho ni we yantumye kubūrira kur’ iyi ngoro no kur’ iki gisagara amajambo yose mwumvise.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite