Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.

Gade chapit la Kopi




Amosi 3:7
22 Referans Kwoze  

Sinkibita abashumba, kuk’ umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.


Maz’ Uhoraho arivuganya, ati Mbega Aburahamu nomuhisha ico ngira nkore,


Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, Azobereka isezerano ryiwe.


Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana,


Imana ibarira Nowa, iti Ndamaramaje guherengeteza abari n’ umubiri bose, kukw isi yuzuye umuryano kubgabo; nuko nzobarandurana n’isi.


Hanyuma y’ivyo ndāvye mbona mw ijuru urugi rwuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk’iry’ inzamba, rirambgira, riti Dūga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo.


Ariko ndakubarira ivyanditswe mu gitabo c’ivy’ ukuri: kandi nta wuriho wo kuntabara kubarwanya atari Mikayeli umugabisha wanyu.


Iyaba bārabaye mu nama yanje baba bātumye abantu banje bumva amajambo yanje, kandi baba bārabahindukije bakava mu nzira yabo mbi, no mu bikorwa vyabo bibi.


Nuko wandike ivy’ ubonye n’ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo,


Nuko none ngira nkwereke ivy’ ukuri. Haracasigaye abandi bami batatu bazokwima i Buperesi; arik’ uwa kane azorusha abandi bose ubutunzi bginshi: uwo ni yamara kuba umunyabushobozi kubg’ ubutunzi bgiwe, azogomora ingabo zose ngw atere ubgami bg’i Bugiriki.


ati Ni mugende munsigurize Uhoraho, twe n’aba bantu n’abandi Bayuda bose, ivy’ amajambo yo mur’ iki gitabo batoye; kuk’ uburake bg’Uhoraho butuziriringiye ari bginshi, kubga ba sogokuruza batumviye amajambo yo mur’ iki gitabo, ngo bakore ivyanditswe muri co vyose twabariwe.


Umwe mu bantu biwe aramwishura, at’ Oyaye, mwami wanje nyen’ ingoma; ariko Elisa umuvugishwa wo mu Bisirayeli ni we abarira umwami w’Abisirayeli amajambo uvugira ku kirwa.


Ngo Nukw azoguha guhambga hamwe na ba sogokuruza, ushike mu mva yawe amahoro; ngo Kand’ amaso yawe ntazobona ivyo vyago vyose azotēza aha hantu. Nuko baraza, bagarukanira umwami ayo majambo.


ariko mu misi y’ijwi ry’umumarayika w’indwi, ah’ azoba agira avuze inzamba, ni ho ibanga ry’Imana rizoba riheraherejwe, nk’uko yabariye abasavyi bayo ubutumwa bgiza, ni bo bavugishwa na yo.


Kur’ uwo musi nzomereza ab’ inzu ya Isirayeli ihembe; nawe nzoguha guteranurira akanwa hagati muri bo; maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho.


Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.


Kand’ umusi Sauli ashikayo, Uhoraho yari yarāye abihishuriye Samweli,


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho yambariye, ati Nzokwinumira, nitegereze ndi mu buruhukiro bganje, mmere nk’indugumba irimw’ ibikēke iy’ izuba ryatse, mmere nk’igipfungu c’urume mu ndugumba yo mw iyimbura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite