11 Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Hazoza abansi, bazota igihugu hagati; bazocobogoza ubuhizi bgawe, ingoro zawe zisahurwe.
Arikw ehe rāba, nzobahagurukiriza ihanga, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize; kandi rizobatunatuna, uhereye ahafata i Hamati ugashitsa ku kagezi gaca mu kiyaya Araba.
Nuko nzokwanda umuriro i Buyuda, utongore ingoro z’i Yerusalemu.
ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize. Umwami Uhoraho arirahiye, ati Nanka urunuka ubgibone bg’aba Yakobo, nzinutswe n’ingoro zabo; ni co gituma nzogabura igisagara n’ibirimwo vyose.
Nzosangangura inzu yo kubamwo mu gihe c’ imbeho hamwe n’iyo kubamwo mu gihe c’ubushuhe; kand’ amazu asharijwe n’amahembe y’inzovu azokomvomvorwa, amazu menshi azohenebēra, ni k’Uhoraho agize.
Kuko batazi gukora ibitunganye, ni k’Uhoraho agize, birundaniriza umuryano n’ubgambuzi mu ngoro zabo.
Maze baturira n’ ingoro y’Imana, basangangura n’ uruzitiro rw’amabuye rw’i Yerusalemu, baturira n’ingoro zaho zose, bīca n’ivyiza‐vyiza vyaho vyose.
Kandi ku ngoma ya Peka umwami w’Abisirayeli, Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri araza, atera ahitwa Iyoni n’i Abeli‐beti‐mayaka, n’i Yanowa n’i Kedeshi, n’i Hasori n’i Gileyadi, n’i Galilaya n’igihugu cose c’i Nafutali; abantu baho abajana i Ashuri ar’ inyagano.
Bukeye Puli umwami w’i Ashuri atera igihugu; maze Menahemu amuhongera italanto z’ifeza igihumbi, kugira ngo buzure, amuhagarikire, ahangame ku ngoma yiwe.
Bene Yakobo bakoba imivyimba, basahura igisagara, babahōra kwonona mushiki wabo.
Nta casigaye atāherengeteje, Ni co gituma ubuhirwe bgiwe butazogumaho.