Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ni mwumve iri jambo Uhoraho abavuzeko, yemwe Bisirayeli, arivuze ku muryango wose yadūganye, awukūye mu gihugu ca Egiputa,

Gade chapit la Kopi




Amosi 3:1
18 Referans Kwoze  

Yamara mweho nabadūganye mbakuye mu gihugu ca Egiputa, mbarōngōra mu bugaragwa imyaka mirongwine, kugira ngo mwegukire igihugu c’Abamori nyene.


Maze ndavuga, nti Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu ba Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli: mbega si mwebge mwari mukwiye kumenya imanza ziroranye?


Kand’ amasigarira yose azoba asigaye kur’ uyu muryango mubi azohitamw’ urupfu kuruta kubaho, ni bo bazoba basigaye ahantu hose aho nzoba narabirukaniye, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana.


Ico gihe, ni k’Uhoraho agize, nzoba Imana y’imiryango yose y’Abisirayeli, na bo bazoba abantu banje.


N’unyumve, yewe Yakobo, yewe Isirayeli nahamagaye; ndi We. Nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo.


aravuga, ati Ni mutege amatwi, yemwe Bayuda mwese, namwe ababa i Yerusalemu, nawe Mwami Yehoshafati: uku ni k’Uhoraho agize: ati Nta co mutinya, canke ngo muranduke imitima kubg’ ayo masinzi y’ingabo; kukw intambara atar’ iyanyu, ariko n’iy’ Imana.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.


Ni munyumve, yemwe ab’ inzu ya Yakobo, mwa masigarira yo mu nzu ya Isirayeli mwese, abo nateruye uhereye mukivuka, nkabaheka mukiva mu nda;


Nk’uk’ umukanda uramata ubura bg’ umuntu, uko ni ko nari naratumye inzu yose ya Isirayeli indamatako, bo n’inzu yose ya Yuda, ni jewe Uhoraho mbivuze; kugira ngo bambere ubgoko niharije, bampeshe izina ry’iritazirano, n’icubahiro n’ubgiza: ariko banka kwumva.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba, ivyo nanje nigereye n’icago nzotēza uyu muryango; kandi ntimuzocigobotora mu mazosi, canke ngo mugende muraritse agatwe; kuko kizoba ar’ igihe kibi.


Bazobona ibara, ababa mu biyaya vyo ku kiyaga, ihanga ry’Abakereti! Ijambo ry’Uhoraho rirakujinjibuye, ewe Kanani, wa gihugu c’Abafilisitiya; azoguhonnya, ntihagire n’ umwe asigara akubamwo.


Yemwe ruvyaro rwa Isirayeli umushumba wiwe, Yemwe bana ba Yakobo, abo yatoranije.


Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!


Ni mwumve iri jambo ry’agacurantimba mbavuzeko, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite