Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Yamar’ ari jewe naranduye Abamori imbere yabo, uburebure bgabo bgari bumeze nk’ubg’ amasederi, kandi bari bakomeye nk’ibiti vy’imyeloni; ariko nahenebereje ivyo bamye mpereye hejuru, n’imizi yabo, mpereye hasi.

Gade chapit la Kopi




Amosi 2:9
27 Referans Kwoze  

Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana.


Imizi yiwe izokwumira hasi, N’ishami ryiwe rizokabiranira hejuru.


(Kand’ uyo Ogi, umwami w’i Bashani, ni we wenyene yar’ agasigarira k’Abarefa. Uburiri bgiwe bgar’ ubg’ icuma: mbega ntibukir’ i Raba mu Bamoni no kugeza n’ubu? Uburebure bgabgo bgar’ amatambge cenda y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgar’ amatambge ane, nk’ukw itambge ry’ ukuboko risanzwe rireha.)


Uz’ uhore witondera ivyo nkugera uyu musi: rāba, nzokwirukana Abamori, n’Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi, babave imbere.


Kand’ abuzukururuza b’abazojayo ni bo bazogaruka ino: kuko kugabitanya kw’ Abamori kutaruzura.


Enda vuga, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho abaza, ngo Mbeg’ uzototahara? Ya nkukuma ya mbere mbega ntizowurandura imizi, ikawuhanyagurakw inzabibu, kugira ngo wume, n’ibibabi biremvye ngo bikabirane? Mbere kuwusiturana n’ imizi yawo ntivyonanirana, canke ngo birinde gukoranya ingabo.


Ku musi Uhoraho yagabuye Abamori mu maboko y’Abisirayeli, Yosuwa abarira Uhoraho, maz’ avugira imbere y’Abisirayeli, ati Zuba, hagarara kuri Gibeyoni; nawe kwezi, hagarara mu kiyaya Ayaloni.


Araheza aravuga, at’ Iki ni co kigira kibamenyeshe yukw Imana nzima iri muri mwebge, kandi yukw itazobura kwirukana Abanyakanani imbere yanyu, bo n’ Abaheti n’Abahiwi n’Abaferizi n’Abagirugashi n’Abamori n’Abayebusi.


Muti None tudūga tuja hehe? Muti Bagenzi bacu ko baturanduye imitima, ngw Abantu baho ni banini, kandi baradusumba; ngw Ibisagara vyabo ni binini, bizitijwe inzitiro z’ amabuye zigera mw ijuru; ngo Mbere babonyeyo n’Abanaki.


kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’ Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki, kibamw’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi.


Nuko rero, nk’ukw ibirimi vy’umuriro bitongora ibirararara, kandi nk’uk’ ubgatsi bgumye bunyikira mu muriro, ni kw igishitsi cabo kizoba nk’ikibore, n’amashurwe yabo azotumuka nk’umukungugu: kuko bāgaye ivyagezwe vy’Uhoraho Nyen’ ingabo, bagakēngēra ijambo ry’Uwera w’Abisirayeli.


Eh’ Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo azocisha amashami ububasha bgiwe bg’agaterabgoba: ibirebire bisumba ibindi bizokwicirwa, n’ivyishize hejuru bizorambikwa hasi.


Nuk’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abaha kuyerēra mu bugaragwa hirya no hino kumara imyaka mirongwine, gushitsa ah’ urwo runganwe rwose rw’abakoze ibibi imbere y’Uhoraho rwakunkumukiye.


kandi Kanani ni we yakomōtsweko n’Abayebusi n’Abamori n’Abagirugashi,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite