Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 2:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abisirayeli, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāguze umugororotsi amahera, n’umukene bakamugura inkweto.

Gade chapit la Kopi




Amosi 2:6
21 Referans Kwoze  

Kandi bāgabanganishije abantu banje ubupfindo, umuhungu bakamutanga kw impēra ya maraya, n’ umukobga bakamugura vino ngo bīnywere.


kand’ abantu b’i Buyuda n’ab’i Yerusalemu ko mwābaguze n’Abagiriki, kugira ngo mubakūreho, baje kure y’igihugu cabo:


ni bo bacumuza umuntu mw ijambo, bagatega umutego ūhanūrira mw ishikiro ry’igisagara, bakazibiranya umugororotsi n’amagambo y’ubusa.


ivyo vyabaye kukw Abisirayeli batumviye Uhoraho Imana yabo, ariko bakava mw isezerano ryiwe, mu vyo Mose umusavyi wiwe yabageze vyose; bakanka kuvyumvira ngo babikore.


Umwami w’i Ashuri araheza ajana Abisirayeli ar’ inyagano, abajana muri Ashuri, abashira i Hala no kuri Habori, uruzi rw’i Gozani, no mu bisagara vy’Abamedi;


Nuko rero, ehe rāba, kubg’ inyungu z’ubugunge waronse, no kubg’ amaraso yaviriye muri wewe, bitumye nkubita amashi ku yandi.


kugira ngo bānzure abakene ngo ntibacirwe imanza, bagakūra urubanza ku bagorwa bo mu bantu banje, bagasahura abapfakazi, bakanyaga n’ impfuvyi.


abazihanjuye ni bo bazicumita, bakibgira ko badacumuye, n’abazishōye bakavuga, bat’ Uhoraho ashimwe, kuko mbaye umutunzi; kand’ abungere bazo na bo nta kagongwe zibatera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite