Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nuko nzokwanda umuriro i Buyuda, utongore ingoro z’i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi




Amosi 2:5
11 Referans Kwoze  

Kuko Isirayeli yibagiye Umuremyi wiwe, kandi yiyubakiye utunyabugoro; kandi na Yuda yakwiragije ibisagara vyubakiwe inzitiro; ariko nzorekurira umuriro ku bisagara vyiwe, utōngōre n’ibihome vyavyo.


Ariko ni mutanyumvira ngo muziririze umusi w’isabato, ngo mwoye kugira ico mwiremēka mugicana mu birimba vy’i Yerusalemu ku musi w’isabato, nuko nzodomeka umuriro mu birimba vyaho, uzotongora ingoro z’i Yerusalemu, kandi ntibazoruha bawuzimya.


Kuko ntungiriye igitsure iki gisagara ngo nkizanekw amagorwa, sinkizanekw amahirwe, ni jewe Uhoraho mbivuze; kizotangwa mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azogitongoza umuriro.


Araheza yanda umuriro ingoro y’Uhoraho n’ingoro y’ umwami, n’amazu yose y’i Yerusalemu, mber’ amazu yose y’ abahambaye ayatongoza umuriro.


Abakaludaya banda umuriro ingoro y’umwami n’ amazu y’abantu, basangangura n’ inzitiro zikikije i Yerusalemu.


Araheza yanda umuriro ingoro y’Uhoraho, n’ingoro y’umwami, n’amazu yose y’i Yerusalemu; mber’ inzu yose ikomeye ayitongoza umuriro.


Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Hazoza abansi, bazota igihugu hagati; bazocobogoza ubuhizi bgawe, ingoro zawe zisahurwe.


Nzosangangura inzu yo kubamwo mu gihe c’ imbeho hamwe n’iyo kubamwo mu gihe c’ubushuhe; kand’ amazu asharijwe n’amahembe y’inzovu azokomvomvorwa, amazu menshi azohenebēra, ni k’Uhoraho agize.


Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, Umwami Uhoraho yahamagaye umuriro ngw awucishe amateka; ufyeta i bgina hahambaye, kandi wagira utōngōre n’igihugu.


nuko nzokwanda umuriro inzu ya Hazayeli, utongore ingoro za Beni‐hadadi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite