Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abayuda, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bātītūye ivyagezwe vyanje, jewe Uhoraho, ntibitondere amabgirizwa yanje, kand’ ibigirwamana vyabo vy’ibinyoma vyarabajimije, ari vyo ba sekuruza babo nyene bākurikira.

Gade chapit la Kopi




Amosi 2:4
53 Referans Kwoze  

kuko batāshikije ivyagezwe vyanje, ariko bakagaya n’amabgirizwa yanje, bakazirūra amasabato yanje, amaso yabo bakayahanga ibigirwamana vya ba sekuruza.


mbitewe n’uko bāgaye ivyagezwe vyanje, ntibagendere mu mabgirizwa yanje, bagakēngēra n’amasabato yanje, kukw imitima yabo yakurikira ibigirwamana vyabo.


Arikw ab’ inzu ya Isirayeli bārangararije bari mu bugaragwa: ntibāgendera mu mabgirizwa yanje, ariko bāgaye ivyagezwe vyanje, kand’ ari vyo bibeshah’ ūvyitondeye; kandi n’amasabato yanje bārayaziruye rwose. Nuko rero nca mmaramaza ko ngiye kubasukak’ uburake bganje bari mu bugaragwa, mbaherengeteze.


Igishushanyo kibājwe kimaze iki, vyotuma umubāji akibāza, cank’ igishushanyo kivugutiwe mu nkero kiragura ibinyoma, vyotuma uwakivugutiye acizigira, akironkera ibigirwamana vy’ibiragi?


Uhoraho afise imibūrano no kuri Yuda, kand’ azohana Yakobo ibihwanye n’ingeso ziwe; azomusubiriza mu nkōko ibihwanye n’ivyo yakoze.


Ko muvuga, muti Twasezeranye isezerano n’ urupfu, kandi twemeranije n’i kuzimu; mut’ Icago ni casendanisha kigahita mu gihugu, muti Ntikizodushikako; muti Kuko twironkeye ubuhungiro mu binyoma, tukaba tunyegeye musi y’ ubugunge:


kuk’ ukuri kw’Imana bāgukāvye ibinyoma, bagasenga bagakorera icaremwe, bakakirutisha Iyakiremye, ni yo ikwiye gushimwa ibihe bidashira: Amen.


ati Ni mwebge gusa twamenyanye mu miryango yose yo mw isi: ni co gituma nzobahanira ibigabitanyo vyanyu vyose.


Maze nabaririye abana babo mu bugaragwa, nti Ntimukagendere mu mabgirizwa ya ba so, kandi ntimukitondere ivyagezwe vyabo, canke ngo mwihumanishe ibigirwamana vyabo.


ariko bakagendera mu budadarare bg’imitima yabo, bagakurikira Bayali, nk’uko ba sekuruza bābigishije:


Abanyabgenge baratēterewe, barajorewe, bafashwe mpiri: erega n’uko bāgaye ijambo ryanje Uhoraho; mbeg’ ubgenge buri muri bo n’ubuki?


Eka twaragucumuyeko bikomeye, ntitwitondeye ivyagezwe vyawe n’ivyo washinze n’amabgirizwa yawe, ivyo wageze umusavyi wawe Mose.


Kandi n’Abayuda na bo ntibitondeye amabgirizwa y’Uhoraho Imana yabo, ariko bagendeye mu migenzo Abisirayeli bashizeho.


Muzi yukw ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z’imburakimazi mwatojwe na ba sogokuruza atar’ ibishira, nk’ifeza cank’ izahabu,


Ni co gituma ūvyanka ataba yanse umuntu arikw aba yanse Imana, kand’ ari yo ibaha Mpwemu wayo Yera.


Kandi nawe, Yuda, urindirijwe igihe c’iyimbura, igihe nzogarukana abantu banje bajanywe ar’ inyagano.


Na ba kamenyi baho babahomeshereje ingwa, berekwa ubusa, babaragurira ibinyoma, bat’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, kand’ Uhoraho ata co yavuze.


Watītūye ivyera vyanje, uzirūra n’amasabato yanje.


Nuko rero bgira ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho abaza, ngo Mbega ntimwihumanya nk’uko ba sogokuruza bāgize, mukagenda muhurumbira ibizira vyabo nk’ibimaka?


Ut’ Ibinyoma vyanyu ko mwabibabarishije umutima w’umugororotsi uwo jewe ntābabaje, mukaremesha umunyakibi kugira ngo ntāhindukire ngw ave mu nzira yiwe mbi, ngw akire;


kandi namwe mwakoze ibibi kurusha ba sogokuruza, kukw ehe rāba, umuntu wese muri mwebge agendera mu budadarare bg’umutima wiwe mubi, bigatuma mutamwumvira:


bazoyanikira musi y’izuba n’ukwezi n’ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru, ivyo bākunda bakabisaba bakabigendanira bakabishishikarira bakabisenga: ntazosubira kwegeranywa ngw ahambge, arikw azoba nk’intabire yometse ku misozi.


ni wumve, wa si we, ehe ngira nzane ivyago kur’ ubu bgoko, vyandurutse mu vyiyumviro vyabo, kuko batumviye amajambo yanje, kand’ ivyagezwe vyanje bakaba bārabikēngereye.


Ūshima umunyota gusa, umutima wibesha uba wamujimije, bituma adashobora gukiza ubugingo bgiwe, ngw aruhe yibaza, ati Mbeg’ ico mfise mu kuryo kwanje s’ikinyoma?


Ariko ntibakwumviye, barakugarariza, bashiburira ivyagezwe vyawe inyuma yabo, bica abavugishwa nawe bāhora babahanura ngo babasubize kuri wewe, bakora ivyo kukuratsa bikomeye.


Ngo Kandi ntimuse na ba sogokuruza banyu, cank’ abandi b’i wanyu bāgenda bacumura k’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, bigatuma ibatanga bakagesezwa, nk’uko namwe mubibona.


Maz’ Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali na za Ashitaroti, n’imana z’i Siriya n’iz’ i Sidoni n’iz’ i Mowabu n’iz’ Abamoni n’iz’ Abafilisitiya; bata Uhoraho, ntibaba bakimusaba.


Uz’ uce ubabgira, uti N’uko ba sogokuruza banyu bāmutaye, ni k’Uhoraho agize, bakagendanira izindi mana, bakazisaba bakazisenga, na we bakamuta, ntibitondere ivyagezwe vyiwe;


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Damasiko, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāhūraguje i Gileyadi ibibando vy’ivyuma:


Kukw abatunzi baho buzuye umuryano, n’abahaba bavuga ibinyoma, indimi zo mu kanwa kabo zirahendana.


Hanyuma Amaziya atabarutse, avuye kwica Abanyedomu, azana ibigirwamana vy’abo Baseyiri; arabishinga ngo bibe imana ziwe, arabipfukamira, avyosereza imibavu.


Ariko ni mutanyumvira ngo muziririze umusi w’isabato, ngo mwoye kugira ico mwiremēka mugicana mu birimba vy’i Yerusalemu ku musi w’isabato, nuko nzodomeka umuriro mu birimba vyaho, uzotongora ingoro z’i Yerusalemu, kandi ntibazoruha bawuzimya.


Yafashe igitsintsiri ca mukuru we bakiva mu nda ya nyina; kand’ amaze gukura yahotoranye n’Imana:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite