Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kandi nzohahenebereza ūhaganza, ndamwicane n’abaganwa baho bose, ni k’Uhoraho agize.

Gade chapit la Kopi




Amosi 2:3
10 Referans Kwoze  

Ko wishimiye ibikorwa vyawe n’ubutunzi bgawe, nawe nyene uzotsindwa: kand’ ikigirwamana Kemoshi kizojanwa ar’ inyagano, bo n’abaherezi baco n’abaganwa baco.


Ati Ndamubona, ariko s’ubu nyene; Ndamwitegereza, ariko ntari hafi. Inyenyeri izokomōka muri Yakobo, Icumu ry’ubugabe rizosokoroka muri Isirayeli, Ritobekeranye aba Mowabu mu mvuridahita, Rimene umutwe aba Sheti bose.


Ihembe ry’i Mowabu rirakondowe, n’ukuboko kwaho kuravunitse, ni k’Uhoraho agize.


ni yo ihindura abaganwa ubusa; ikamanganya abacamanza bo mw isi, bakaba nk’akarēre kagaragara.


Noneho rero, mwa bami, ni muce ubgenge, Mwa bacamanza bo mw isi, ni mwemere kugīrwa inama.


Isuka agakēngērwe ku bahambaye, Ikadohora umukanda w’abahizi.


Abacamanza babo bazotembagarizwa mu manga, Ni ho abantu bazokwumviriza amajambo yanje, kukw aryoshe.


Yemwe abahindura imanza zigacika umururazi, ukugororoka mukagushiburira hasi,


Kuko nzi ibicumuro vyanyu ingen’ ari vyinshi, n’ivyaha vyanyu ingen’ ar’ ibikomeye, yemwe abahahaza umugororotsi, mukarya ingurire, mukazibiranya abakene mu manza muri mw ishikiro ry’igisagara.


Mbeg’ amafarasi yokwiruka ku rutare? Canke har’ uwoharimisha inka? Ariko mweho imanza ziroranye mwāzihinduye ibamba, n’imbuto z’ukugororoka mwāzihinduye umururazi,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite