16 kandi n’uwar’ inshirabinya mu bahizi kur’ uwo musi azohunga yambaye ubusa, ni k’ Uhoraho agize.
abatāna impuzu yiwe, ahunga amēnya.
I Keriyoti haratsinzwe, ibihome bineshejwe giturumbuka; kur’ uwo musi imitima y’abahizi b’i Mowabu izomera nk’umutima w’ umugore ari mu bise.
Ariko Sisera, uko yagahunze yiruka ku maguru, ashika kw ihema rya Yayeli muka Heberi w’Umunyakeni, kuko Yabina umwami w’i Hasori n’ab’ inzu ya Heberi Umunyakeni bari bafitaniye ubumwe.
Abarindutse mu mitima baranyazwe, basinzira ubutikoma, Kandi nta bo mu banyenkomezi bashoboye kwivuna.