12 Ariko mwebge mwāhaye Abanaziri vino ngo bayinywe, mutako mubuza abo mvugisha, muti Ntimukavugishwe.
ariko ntusubire kuvugishirizwa i Beteli ukundi, kukw ari ho har’ ikigabiro c’umwami, bo n’ihorezo ry’igihugu.
babarira abamenyi, bati Ntimutumenyere, bakabgira n’aberekwa ibizoba, bati Ntimutubarire ivyo mweretswe vy’ukuri, ariko mutubarire ivyoroshe, muvugishwe ivy’ ibinyoma;
Bavuga, ngo Ntimukavugishwe! Bati Ntihaze hagire abavugishwa ben’ ivyo! Yamar’ ibimāramāza ntibizovaho.
None rero, uku ni k’Uhoraho agize ku vy’abagabo bo muri Anatoti barondera kukwica, bati Ntuz’ ugire ico uvuga mw izina ry’Uhoraho, twoye kuzokwica:
Nuko rero nawe nyene ni wumve ijambo ry’Uhoraho: k’uvuze ngo singire ico mvugishwa ku Bisirayeli, canke ngo singire ijambo nzana ku nzu ya Isaka:
ati Barira Abisirayeli, ut’ Umugabo cank’ umugore ni yasezerana isezerano ry’ubunaziri, ngw anyiyegurire jewe Uhoraho;
Ntereka imibindi yuzuye vino, bo n’amakarabo, imbere y’ab’ inzu ya Rekabu, ndababgira, nti Ngiyo vino ni munywe.
aze yitandukanye na vino n’ibiboreza bindi; ntaz’ asome no ku nkarisha ya vino canke ku nkarisha y’ikiboreza kindi, canke ngw asome ku mazi y’inzabibu, canke ngw arye inzabibu mbisi canke zumye.