Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Yamara mweho nabadūganye mbakuye mu gihugu ca Egiputa, mbarōngōra mu bugaragwa imyaka mirongwine, kugira ngo mwegukire igihugu c’Abamori nyene.

Gade chapit la Kopi




Amosi 2:10
26 Referans Kwoze  

Uti Kuko we, Uhoraho Imana yanyu, yama abaha umugisha mu bikorwa vyanyu vyose; uti Kukw azi ivy’ urugendo rwanyu rwo mur’ ubu bugaragwa buhambaye; uti Kand’ ubgiwe, Uhoraho Imana yanyu, yabanye namwe iyi myaka ukw ari mirongwine, nta kintu mwakennye.


Nuko kur’ uwo musi nyene, Uhoraho akūra Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa, ukw imitwe y’ingabo zabo yangana.


Ni mwumve iri jambo Uhoraho abavuzeko, yemwe Bisirayeli, arivuze ku muryango wose yadūganye, awukūye mu gihugu ca Egiputa,


Yihanganira ingeso zabo nk’imyaka mirongwine mu bugaragwa.


Arikw Imana irora irya, irabaheba ngo basenge ingabo zo kw ijuru: nk’uko vyanditswe mu gitabo c’abavugishwa n’Imana, ngo Mbega har’ ibitungwa bibāzwe cank’ ibimazi mwanshikaniye, Ya myaka ukw ari mirongwine yo mu bugaragwa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Ko nabadūganye nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, nkabacungura nkabakūra mu nzu y’ubuja, nkarungika Mose na Aroni na Miriyamu kugira ngo babarōngōre.


Mbega ntimumbereye nk’Abanyetiyopiya, ga mwa Bisirayeli mwe? ni k’Uhoraho abaza. Mbega si jewe nadūganye Abisirayeli mbakūye mu gihugu ca Egiputa, n’Abafilisitiya nkabakūra i Kafutori, n’Abasiriya nkabakūra i Kiri?


kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’ Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki, kibamw’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi.


Nuko mbakūra mu gihugu ca Egiputa mbajana mu bugaragwa.


Nashavuriye ab’ ico gihe imyaka mirongwine, Ndavuga, nt’ Aba n’abantu bama bazimira mu mitima yabo, Kandi ntibamenya inzira zanje.


Wabatungiye mu bugaragwa kumara imyaka mirongwine, ntibāgira ico bakena; impuzu zabo ntizabashirirako, ibirenge vyabo ntivyavyimba.


Ati Kand’ ibibondo vyanyu, ivyo muvuze ko bizoba abanyagano, n’abana banyu bataraca ubgenge ngo batandukanye ikibi n’iciza, ni bo bazokijamwo, ni bo nzogiha, bacegukire.


iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Abisirayeli banesha ivyo bisagara vyose, baba mu bisagara vyose vy’Abamori, i Heshiboni no mu bisagara vyose bihereranye na ho.


ahahera i bumanuko; bo n’igihugu cose c’ Abanyakanani, n’i Meyara h’Abasidoni, ugashitsa kuri Afeka ku rubibe rw’Abamori;


Babarira Abisirayeli inkuru z’agacavutu z’ico gihugu batase, bat’ Igihugu twanyuragiyemwo tugitata n’igihugu kimiragura abantu baho, kand’ abantu bose twahabonye n’abagabo barebare cane.


Nuk’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abaha kuyerēra mu bugaragwa hirya no hino kumara imyaka mirongwine, gushitsa ah’ urwo runganwe rwose rw’abakoze ibibi imbere y’Uhoraho rwakunkumukiye.


Hanyuma mbashikana mu gihugu c’Abamori bo hakurya ya Yorodani, barwana namwe; maze mbagabura mu maboko yanyu, mwegukira igihugu cabo; ndaheza ndabarandura, baherengetera imbere yanyu.


Ko batārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe, yadukūye mu gihugu ca Egiputa, akaturōngōra mu bugaragwa, no mu gihugu c’ubgeranyange kirimw’ ivyobo, mu gihugu kigadutse c’igitūtu c’urupfu, mu gihugu kidacamw’ abantu, ata muntu n’umwe ahaba?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite