Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Mowabu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko baturiye amagufa y’umwami w’Abanyedomu, bayahindura nk’ishwagara.

Gade chapit la Kopi




Amosi 2:1
22 Referans Kwoze  

Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abayuda, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bātītūye ivyagezwe vyanje, jewe Uhoraho, ntibitondere amabgirizwa yanje, kand’ ibigirwamana vyabo vy’ibinyoma vyarabajimije, ari vyo ba sekuruza babo nyene bākurikira.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Damasiko, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāhūraguje i Gileyadi ibibando vy’ivyuma:


Kuk’ ukuboko kw’Uhoraho kuri kur’ uyu musozi, ariko Mowabu hazohonyangirwa ahantu haho, nk’ukw ivyatsi bihonyangirwa mu kiziba c’amaganga.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abisirayeli, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāguze umugororotsi amahera, n’umukene bakamugura inkweto.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abamoni, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāfomoje inda abagore b’i Gileyadi, kugira ngo barye imbibe zabo, bāgukirwe.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Edomu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko yakinagije mwene nyina n’inkota, akamiriranya icitwa imbabazi cose, uburake bgiwe ntibuhengeshanye kurandamurana, akabīka akazīka ibihe vyose.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Tiro, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu, ntibibuke isezerano ry’ umuvukano.


Inyonga z’Uhoraho zir’ ahantu hose, Zītegereza ababi n’abeza.


Yemwe bantu banje, enda ni mwibuke imigabo Balaki umwami w’i Mowabu yīgīriye, n’ico Balamu mwene Beyori yamwishuye; mwibuke n’ivyabaye uhereye i Shitimu ukageza i Gilugali, kugira ngo mumenye ivy’ ubugororotsi nakoze, jewe Uhoraho.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Gaza, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu:


Bazohwikira Abafilisitiya b’i burengerazuba, babagwe ku gakanu, bazokwifatanya banyage ab’i burasirazuba; bazorāmvura ukuboko bacakire Abanyedomu n’Abanyamowabu; Abamoni bazobayoboka.


Nuk’ umwami w’Abisirayeli aragenda, bo n’umwami w’Abayuda n’umwami w’Abanyedomu; baca ahaziguye, maze bagenze imisi ndwi mu nzira, ingabo zibura amazi, bo n’inyumbu zibakurikiye zīremētse intēkera zabo.


Twumvise ubgībone bg’i Mowabu, ko hībona cane: twumvise n’ukwishira hejuru kwaho n’ubgībone bgaho n’agakēngērwe kaho: arik’ ukwīrārīra kwaho n’ukw’ ubusa.


n’i Edomu n’i Mowabu n’ab’ umuryango wa Amoni,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite