Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 nuko nzokwanda umuriro inzu ya Hazayeli, utongore ingoro za Beni‐hadadi.

Gade chapit la Kopi




Amosi 1:4
20 Referans Kwoze  

Nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Damasiko, kand’ uzotongora ingoro za Beni‐hadadi.


Ariko ni mutanyumvira ngo muziririze umusi w’isabato, ngo mwoye kugira ico mwiremēka mugicana mu birimba vy’i Yerusalemu ku musi w’isabato, nuko nzodomeka umuriro mu birimba vyaho, uzotongora ingoro z’i Yerusalemu, kandi ntibazoruha bawuzimya.


Hanyuma Yehowasi mwene Yehowahazi agarura ibisagara Beni‐hadadi mwene Hazayeli yari yaranyaze se Yehowahazi mu ntambara. Yehowasi amunesha gatatu, agarura ibisagara vy’i Bgisirayeli.


Maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, akāma abagabura mu maboko ya Hazayeli umwami w’i Siriya, no mu ya Beni‐hadadi mwene Hazayeli nyene.


Hanyuma y’ivyo, Beni‐hadadi umwami w’i Siriya akoranya ingabo ziwe zose; aradūga atera i Samariya, arahugariza.


Nuko nzokwanda umuriro i Buyuda, utongore ingoro z’i Yerusalemu.


Nuko nzokwanda umuriro i Mowabu, utongore ingoro z’i Keriyoti; kandi Mowabu hazopfa har’ amaruru n’urwamo n’inzamba zivuga.


Nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Raba, utongore ingoro zaho, har’ akāyaga ku musi w’intambara, bo n’ikirura ku musi w’agashururu.


Nuko nzokwanda umuriro i Temani, utongore ingoro z’i Bosira.


Nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Tiro, utongore ingoro zaho.


nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Gaza, utongore ingoro zaho;


Kuko Isirayeli yibagiye Umuremyi wiwe, kandi yiyubakiye utunyabugoro; kandi na Yuda yakwiragije ibisagara vyubakiwe inzitiro; ariko nzorekurira umuriro ku bisagara vyiwe, utōngōre n’ibihome vyavyo.


Kandi nzokwanda umuriro Magogi, n’abibera ku kiyaga ata co binona; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Maze bazomenya yuko nd’Uhoraho, igihe nzoba mmaze kwanda umuriro Egiputa, abatabazi babo bahonnye.


Maze Asa abibonye, yābīra ku mafeza no ku mazahabu yari mu bubīko bgo mu ngoro y’ Uhoraho n’ubgo mu ngoro yiwe, ayarungikira Beni‐hadadi umwami w’i Siriya yaba i Damasiko;


Uhoraho aramubarira, ati Subiray’ ujane inzira wazananye, uje mu bugaragwa bg’i Damasiko; ni washikayo, uz’ urobanuze Hazayeli amavuta, az’ abe umwami w’i Siriya;


kand’ Imana yatumye ibibi vyose ab’i Shekemu bākoze bibasubira ku mutwe, wa muvumo wa Yotamu mwene Yerubayali ubashikako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite