Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abamoni, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāfomoje inda abagore b’i Gileyadi, kugira ngo barye imbibe zabo, bāgukirwe.

Gade chapit la Kopi




Amosi 1:13
27 Referans Kwoze  

Samariya hazogibgako n’ibigabitanyo vyaho, kuko bāgararije Imana yabo: bazoririkwa n’inkota: abana babo b’inzoya bazomenagurirwa hasi, kand’ abagore babo bakuriwe bazofomozwa.


Ko wagize ngw Ayo mahanga ukw ar’ abiri n’ivyo bihugu ukw ari bibiri bizoba ivyawe, ngo Ni mwe muzovyiganzira; nanje Uhoraho ari yo nari:


Bazobona ibara, abomeka ingo ku zindi bakīkumirakw amatongo, gushitsa hatagira ahasigaye, mukaba ari mwebge mwenyene musigaye mwiganziye hagati mu gihugu!


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Damasiko, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāhūraguje i Gileyadi ibibando vy’ivyuma:


Nawe, mwana w’umuntu, vuga ubūre, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize ku vy’ubgoko bg’ Abamoni, no ku vy’igitutsi cabgo; maz’ uvuge, ut’ Inkota, inkota irasokowe, yartyororewe kuririka, kugira ngw imaririkanye, ibe nk’ umuravyo:


Ariko Sanibalati Umuhoroni, na Tobiya Umwamoni w’umugurano, na Geshemu Umwarabo, bavyumvise baradushinyagurira, batubarirana agakengerwe, bat’ Ivyo mukora n’ibiki? Mbega s’ uko mugomba kugarariza umwami?


Nuko none, ehe rāba Abamoni n’Abanyamowabu n’abo ku musozi Seyiri, abo wari warabujije Abisirayeli ngo ntibabatere, hamwe bāva mu gihugu ca Egiputa, bagaca hirya ntibabarandure,


Hanyuma y’ivyo Abanyamowabu n’Abamoni hamwe n’ab’i Mayoni bamwe batera Yehoshafati ngo bamurwanye.


Maz’ Uhoraho amutēza ibitero vy’Abakaludaya n’ivy’ Abasiriya n’ivy’ Abanyamowabu n’ivy’ Abamoni, abagomorera i Buyuda ngo baharandure, nk’ukw ijambo ryiwe riri, iryo yavugiye mu basavyi biwe yavugisha.


kandi ni mwashika ahēgereye urubibe rw’Abamoni, ntimubatere canke ngo mubandurutse; kuko ntazobaha ishamvu ku gihugu c’Abamoni, kuko nagihaye Abaloti kw ishamvu yabo.


N’Abagebalu n’Abamoni n’ Abamaleki, N’Abafilisitiya n’ababa i Tiro:


Menahemu araheza atera i Tifusa, arahatsinda, ageseza n’ abari mur’ ico gisagara bose, anesha n’intara yaco uhereye i Tirusa nyene; icatumye ahageseza n’uko banse kumwugururira amarembo; nukw afomoza abagore bose bafise inda bari muri co.


n’i Edomu n’i Mowabu n’ab’ umuryango wa Amoni,


Asokorora abantu bāri muri co, abashikiriza imisumeno n’ivyuma vy’ibisaganga n’amacabiti; abakoresha no ku matanure y’amatafari, arabacumukuza. Uko ni ko yagirira ibisagara vyose vy’Abamoni. Nuko Dawidi n’ingabo ziwe zose basubira i Yerusalemu.


Maze Hazayeli aramubaza, at’ Urizwa n’iki ga mugenzi? Aramwishura, ati N’uko mbona ibibi uzogirira Abisirayeli; amaboma yabo uzoyatongoza umuriro, n’abasore babo uzobicisha inkota; utuyoya twabo uzotumenagura, abagore babo bafise inda uzobafomoza.


Ijambo ry’Uhoraho rinzako,


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite