Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Amosi 1:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nuko nzokwanda umuriro i Temani, utongore ingoro z’i Bosira.

Gade chapit la Kopi




Amosi 1:12
14 Referans Kwoze  

Nuko rero ni mwumve inama Uhoraho yarunduye kuri Edomu, n’imigabo yagabiye y’ivyo azogirira ababa i Temani: ati N’ukuri bazobakwega nk’imyagazi yo mu mukuku; n’ukuri azobagesezanya n’aho baba.


Ku vya Edomu. Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mbeg’ ubgenge nta bukiriho i Temani? Mbeg’ inama yabuze mu bahanga? Mbeg’ ubgenge bgabo bgakamanganye?


Eh’ azodūga aguruke nk’inkukuma, asānze amababa i Bosira: kand’ umutima w’abahizi b’i Edomu kur’ uwo musi uzohinduka nk’umutima w’ umugore ari ku bise.


Kuko nirahiye ubganje, ni jewe Uhoraho mbivuze, yukw i Bosira hazohinduka akajoreza n’igitutsi n’ ibitongozi n’ikivume; kand’ ibisagara vyaho vyose bizoba ibitongozi gushitsa ibihe bidashira.


Inkota y’Uhoraho yuzuyekw amaraso, ihāze ibinure, amaraso y’imyagazi y’intama n’impene, n’ibinure vyo ku mafyigo y’amasuguru y’intama; kuk’ Uhoraho yifitiye ikimazi i Bosira, n’ukugeseza gukomeye mu gihugu ca Edomu.


Bela atanze, Yobabu mwene Zera w’i Bosira asubira ku ngoma yiwe.


Bene Elifazi ni Temani na Omari na Sefo na Gatamu na Kenazi.


Kukw inkota yanje inyoye mw ijuru igahāga; non’ igira igwe ku Banyedomu, no ku bantu navumye, ngw ibahane.


Uriya ni nde aturutse muri Edomu, i Bosira, yambaye imyambaro y’agahama, yambaye impuzu zikayangana, araramanga ari n’inkomezi nyinshi? Ni jewe mvuga mu bugororotsi, umunyabushobozi bgo gukiza.


nuko rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Nzobangurira ukuboko kwanje ku Banyedomu, mbaranduremw’ abantu n’ibitungano; kandi nzohahindura amatongo uhereye i Temani, baririkwe n’inkota gushitsa n’i Dedani.


Ivyo Obadiya yeretswe. Uku ni k’Umwami Uhoraho agize ku vy’Abanyedomu. Twumvise inkuru zivuye k’Uhoraho, kandi har’ intumwa itumwe ku mahanga, ngo Ni muhaguruke, natwe nyene dukūre hasi, tubatere, tuje mu ntambara.


Imana yaje ivuye i Temani, Uwera yaje ku musozi Parani. Sela. Ubgiza bgiwe bgakwiye ijuru, Kand’ isi yuzuye ishimwe ryiwe.


Bela atanze, Yobabu mwene Zera w’i Bosira asubira ku ngoma yiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite