Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 6:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 kugira ng’uronke amahoro, urambire kw isi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 “Niwubahe so na nyoko kugira ngo ivyawe bize bigende neza kandi kugira ngo uze urambire kw’isi.”

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 6:3
15 Referans Kwoze  

Wubahe so na nyoko, nk’ uko jewe Uhoraho Imana yawe nabikugeze, kugira ng’ urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha, uhamererwe neza.


Kandi muze mwitondere amabgirizwa yiwe n’ ivyagezwe vyiwe, ivyo mbagera uyu musi, kugira ngo mube mu vyiza, mwe n’abana banyu bazovuka hanyuma, kugira ngo mwame mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye kugeza ibihe bidashira.


Aya majambo yose mbageze muze muyitondere, muyumvire, kugira ngo mube mu vyiza, mwe n’abana banyu bazovuka hanyuma gushitsa ibihe bidashira, kuko muzoba mukoze ivyo Uhoraho Imana yanyu abona kw ari vyiza kandi bitunganye.


Ntimukaburye, kugira ngo mube mu vyiza, mwe n’abana banyu bazovuka hanyuma, kuko muzoba mukoze ivyo Uhoraho abona ko bitunganye.


None rero, yemwe Bisirayeli, ni muvyumve, muvyitondere; kugira ngo mumererwe neza, mugwire cane, muri mu gihugu gitemba amata n’ ubūki, nk’uk’ Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabasezeraniye.


ntuz’ ubure kureka nyina ngw igende, arikw ivyana ushobora kubitwara; uz’ ureke nyina kugira ng’ ube mu vyiza, urambe.


Ar’ ivyiza ar’ ibibi, ntituzobura kwumvira Uhoraho Imana yacu, uwo tugutumyeko; kugira ngo tuze tubone kuroranirwa ni twumvira Uhoraho Imana yacu.


Mubgire umugororotsi kw azomererwa neza, kukw azotungwa n’ivyo ibikorwa vyiwe vyāmūje.


Nawomi inabukwe aramubaza, ati Mukobga wanje, sinokurangira urugo, kugira ng’ umererwe neza?


Kandi muze mukore ivyo Uhoraho abona ko bitunganye kandi kw ari vyiza, kugira ngo mumererwe neza, mubone kwinjira ca gihugu ciza Uhoraho yarahiye ba sogokuruza kw azokibaha, mucegukire,


Muze mujane inzira yose Uhoraho Imana yanyu yabarangiye, kugira ngo mubone kubaho, mumererwe neza, muze muhore muba mur’ ico gihugu mugiye kwegukira.


canke ngo muze mwigere mwubaka inzu, canke ngo murime, canke ngo mutere uruzabibu canke ngo hagire ūzorwitirirwa; at’ Arikw imisi muzomara yose muze mube mu mahema, kugira ngo mubone kuramba mu gihugu mubamwo.


Wubahe so na nyoko: ico ni co cagezwe ca mbere kirimw’ isezerano,


Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’ Umwami wacu agomba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite