Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 6:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Wubahe so na nyoko: ico ni co cagezwe ca mbere kirimw’ isezerano,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 “Wubahe so na nyoko.” Ni co cagezwe ca mbere gifise isezerano:

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 6:2
13 Referans Kwoze  

Wubahe so na nyoko, kugira ng’urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha.


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūkēngēra se canke nyina. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Ūvuma se canke nyina Itara ryiwe rizozimirizwa mu mwiza w’umuzitanya.


Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute?


Ababa muri wewe bakēngēra ba se na ba nyina; muri wewe ni ho bahahariza umuntu w’akavantara; muri wewe ni ho barīra impfuvyi n’ abapfakazi.


Nuko Yeremiya abarira ab’ inzu ya Rekabu, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ko mwumviye iragi rya sogokuruza Yonadabu, mukitondera amabgirizwa yiwe yose, mukagenza nk’uko yababariye muri vyose;


Muhe bose ivyo bakwiye: abahabga ikori mubahe ikori; ababuguza mubabugurire; abo gutinywa mubatinye; abo kwubahwa mububahe.


Wubahe so na nyoko, nk’ uko jewe Uhoraho Imana yawe nabikugeze, kugira ng’ urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha, uhamererwe neza.


canke ngo muze mwigere mwubaka inzu, canke ngo murime, canke ngo mutere uruzabibu canke ngo hagire ūzorwitirirwa; at’ Arikw imisi muzomara yose muze mube mu mahema, kugira ngo mubone kuramba mu gihugu mubamwo.


kugira ng’uronke amahoro, urambire kw isi.


Ariko, umupfakazi wese, namb’ afise abana cank’ abuzukuru, ni babanze kwiga kwubaha Imana ku vyo bagirira ababo, no kwishura ivyiza abavyeyi babo: kukw ivyo ari vyo bishimwa mu nyonga z’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite