Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Arik’ ubushakanyi n’ibihumanya vyose cank’ ukwifuza ntimukabishire no mu kanwa, mube nk’uko bibereye abera:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ariko muri mwebwe ntihabemwo ubusambanyi, canke ukwipfuza ukwo ari kwo kwose, canke ubukunzi bw’inda, kuko bidakwiye ku bera b’Imana.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 5:3
58 Referans Kwoze  

Nuko mwice ingingo zanyu ziri mw isi, ubushakanyi, ibihumanya, ukwifuza kw’umubiri, ukwifuza kubi kwose, no kwifuza ivy’ abandi, ni kwo gusenga ibigirwamana;


Kukw ibi mubizi neza, yukw ata mushakanyi, cank’ igihumane, cank’ uwifuza (ni we asenga ibigirwamana), azogira ico aragwa mu bgami bga Kristo n’Imana.


Ico Imana igomba, n’ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubushakanyi;


Muhunge ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora s’ic’ umubiri, arik’ ūshakana aba acumuye ku mubiri wiwe.


Kukw Imana itāduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa.


Ivyo kurya n’ivy’ inda, n’inda n’iy’ ivyo kurya; yamar’ Imana izobikūraho vyompi. Ariko, imibiri yacu s’iyo gushakana, mugabo n’iy’ Umwami wacu, kand’ Umwami n’uw’ imibiri yacu.


kukw ibikorwa na bo mu mpisho biteye isoni no kubivuga.


Kuko mu mutima havamw’ ivyiyumviro bibi: ubgicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubgivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi.


Kandi namuhaye uburyo bgo kwihana, ntiyakunda kwihana ngw areke ubushakanyi bgiwe.


Kandi ntitugashakane, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bāshakanye, maze hagapfamw’ abantu ibihumbi mirongwibiri na bitatu ku musi umwe.


Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Ariko mfise i vyo nkugayako bike, kukw i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, bashakane.


Inkuru yāmamaye hose yuko muri mwebge harih’ ubusambanyi: kand’ ubgo busambanyi butoba no mu banyamahanga, umuntu gucīkiza muka se ngw amwābīre.


Maze baza kuri wewe nk’ ukw abantu basanzwe baza, bakicara imbere yawe nk’ah’ ar’ abantu banje, bakumviriza amajambo yawe, ariko ntibayakore: kuko berekanisha akanwa kabo urukundo rwinshi, yamar’ imitima yabo ikurikira ukwiyungukira kwabo.


Ntukifuze inzu ya mugenzawe, ntukifuze umugore wa mugenzawe, cank’ umugurano wiwe, cank’ umuguranokazi wiwe, cank’ inka yiwe, cank’ indogoba yiwe, cank’ ikintu na kimwe ca mugenzawe.


kandi ntibihana ngo bareke ubgicanyi bgabo, cank’ uburozi cank’ ubushakanyi cank’ ubusuma.


Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.


ntihabeh’ umushakanyi, cank’ igihumane nka Esau, yagurānye ivyo kuba samuragwa kwiwe ingaburo imwe.


kandi yuko, aho nzozira, Imana yanje izosubira kuncisha bugufi muri mwebge, nanje nkazoririra benshi bācumuye kera, ntibihane ivyonona, n’ubushakanyi, n’ivy’ isoni nke bākoze.


N’abatāmakazi nyene, ubabgire bagende nk’uko bibereye abera, batarementaniriza abandi, batanohorwa imitima na vino nyinshi, bigisha ivyiza,


Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’ Imana,


ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy’ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n’amaraso.


Ikindi, utoranye mu bantu bose abashoboye guca imanza, bubaha Imana, b’abanyakuri, banka ingurire; uheze ubakuze, babe bakuru bo kuganza abantu, bamwe igihumbi‐igihumbi, abandi ijana‐ijana, abandi mirongwitanu‐itanu, abandi cumi‐cumi.


Amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntahāga ivyaha, basukasuka imitima idashikamye, bafise imitima yamogoreye kwifuza inyungu, ni bo bana b’ibivume.


ariko cane‐cane abagenda bakurikira ivy’ akameremere kabo, bifuza ibihumanya bagakengera ababaganza. Nta co batinya, ntibakūrwa kw ijambo, ntibahindishwa agashitsi no gutuka abanyacubahiro:


Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo.


bakwiye kuzibga iminwa, kuko har’ imiryango bagwisha igahenebera, bigisha ibidakwiye kubg’ inyungu mbi.


Kuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, nk’umubgiriza w’Imana nyene; kandi ntakwiye kuba ūdakūrwa kw ijambo, cank’ ūsugurirwa, cank’ umunywi wa vino, cank’ umusinzi, cank’ uwifuza inyungu mbi;


atar’ umunoho wa vino, cank’ umusinzi, arikw abe umugwaneza, atitoraguza, atar’ inkunzi y’amahera,


ariko bashazishe ibikorwa vy’ingeso nziza, nk’uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana.


Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bgiza bga Kristo, kugira ngo nje kubagendera canke ntaje, numve ivyanyu ko muhagaze mushikamye mufise impwemu imwe, muhuje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bgiza,


ngo mumwākīre kubg’ Umwami wacu, nk’uko bibereye abera, kandi mumufashe ku c’azogomba cose, kuko na we yafashije benshi, barimwo jewe.


Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngw ikoreshwe n’ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana nk’abazuke bavuye mu bapfuye, n’imibiri yanyu muyihe Imana kugira ngw ikoreshwe no kugororoka.


buzuye ukugabitanya kwose, no kugira nabi, no kwifuza, n’urwanko rw’ubusa: buzuye n’igono, n’ubgicanyi, no gutongana, n’ubugunge, no kwitamba ku muvyimba; n’abaneguranira mu vyongorerano,


Nta co nifuje, ar’ ifeza ar’ izahabu ar’ ivyambarwa vy’umuntu n’umwe.


Abafarisayo, bār’ abakunzi b’ubutunzi, bumvise ivyo vyose, baramutwenga cane.


Bifuza amatongo bakayanyaga, n’amazu bakayikumirako; bagahahaza umuntu n’abo mu nzu yiwe, mber’ umuntu bamuhahazanya n’ishamvu yiwe.


Ariko weho amaso yawe n’umutima wawe nta handi bitumbereye atar’ ukwifuza inyungu mbi, no kuvisha amaraso y’abatācumuye, no guhahaza, n’umuryano.


Ni co gitumye abagore babo nzobaha abandi, n’amatongo yabo nkazoyaha abandi bakayegukira: kuk’ umuntu wese, uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye wo muri bo, yifuza inyungu mbi: kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.


Kuk’ uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye, umuntu wese yifuza inyungu mbi; kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.


Umuganwa w’imburabgenge akunda guhahaza cane, Arik’ uwanka inyungu mbi azoramba.


Uhindurire umutima wanje ku vyo wihanikirije, Ariko si ku nyungu mbi.


Kuk’ umunyakibi yishimagiriza ivyo umutima wiwe wifuza, Kand’ umunyegono yikunkumura Uhoraho, kand’ akamukēngēra.


Yamar’ abo bahungu biwe ntibāri n’ingeso nk’ iziwe, ariko bākebereje gukurikira inyungu mbi, bakarya ingurire, bakagoreka imanza.


nabonye mw isahu umwambaro mwiza uvuye i Shinari, na shekeli z’ifeza amajana abiri, n’ikigabane c’izahabu kirivye shekeli mirongwitanu; ndaheza ndavyifuza, ndabitwara; kandi bizītse mu kuzimu mw ihema ryanje, n’ifeza ziri musi yavyo.


Abisirayeli batebeye i Shitimu, abantu batangura gusambana n’Abanyamowabukazi:


Kand’ ivyo nababgiye vyose muze muvyitondere; ntimukagire amazina y’izindi mana muvuga, ntakumvikane mu kanwa kanyu.


Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi.


Kand’ arababarira, ati Murumva, mwirinde ukwifuza kwose, kuk’ ubugingo bg’umuntu butava mu bihinda vy’ibintu atunze.


Kand’ uwo mugabo ni yaramuka aryamanye n’umugore, bompi biyuhagire, bakomeze kuba abahumanye gushitsa ku mugoroba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite