Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Harih’ umubiri umwe, na Mpwemu umwe, nk’uko kandi mwahamagariwe icizigiro kimwe c’ihamagarwa ryanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Hari umubiri umwe n’Impwemu imwe, nk’uko mwahamagariwe ivyizigiro bimwe vyo muri kazoza;

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 4:4
28 Referans Kwoze  

kuko, uko tur’ amacakubiri, ari we adushikiriza Data wa twese, turi muri Mpwemu umwe.


Ni co gitumye mbinginga, jewe imbohe y’Umwami wacu, ngo mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe,


ngw amaso y’imitima yanyu yihweze, kugira ngo mumenye ivyo mwizigizwa n’uguhamagara kwayo ivy’ ari vyo, mumenye n’itunga ry’ubgiza bg’ishamvu ifise mu bera,


Ariko noneho, ingingo ni nyinshi, umubiri ukaba umwe.


kubg’ ivyizigirwa mwabīkiwe mw ijuru, ivyo mwumvise kera, mw ijambo ry’ukuri kw’ ubutumwa bgiza,


kuko tur’ ingingo z’umubiri wiwe.


Kand’ umuntu wese amuzigakw ivyo, ariyeza, nk’uk’ uwo ar’ uwera.


mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.


twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza,


nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho.


Ariko, Umwami wacu Yesu Kristo ubgiwe, n’Imana Data wa twese, yadukunze, ikaduha kwirurwa imibabaro guhoraho, bo n’ivyizigiro vyiza biheshwa n’ubuntu bgayo,


Kand’ amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu, ayo mwahamagariwe ngo mube umubiri umwe: kandi mube abama bakenguruka.


Muri we namwe murubakanwa, kugira ngo muheshwe na Mpwemu kuba ingoro Imana ibamwo.


kandi ngw ayo macakubiri, amaze kuyagira umubiri umwe, ayuzurishe n’Imana umusaraba, awicishije bga bgansi.


Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’ Umwana n’irya Mpwemu Yera;


Wewe vyizigiro vy’Abisirayeli, umukiza wabo mu gihe c’ivyago, n’iki cotuma utubako nk’umuntu w’akavantara ari mu gihugu, canke nk’impirahisi yaka indāro y’ijoro rimwe?


kugira ngo dutsindanishirizwe n’ubuntu bgayo, duce tuba abaragwa b’ubugingo budashira, nk’ukw ivyizigiro vyacu biri.


Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’uko vyagezwe n’Imana Umukiza wacu na Kristo Yesu ivyizigiro vyacu,


Nk’uk’ uwo mutsima ar’ umwe, twebge, naho turi benshi, tur’ umubiri umwe: kuko twese dusangira umutsima umwe.


Kukw iyo hagize ūza i wanyu akababarira Yesu wundi, tutābabariye, cank’ iyo mwākiriye iyindi mpwemu mutākiriye, cank’ ubundi butumwa mutemeye, we muramwihanganira neza!


Ariko twizeye yuko tuzokizwa n’ubuntu bg’Umwami Yesu nka bo.


Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe.


Kukw ingabire z’Imana no guhamagara kwayo itavyicuza.


Kubga bene Data na bagenzi banje Ndavuga, nt’ Amahoro abe muri wewe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite