Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Mwame imisi yose mwicisha bugufi, mugira ubugwaneza kandi mwihanganiranira, ku bw’urukundo.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 4:2
28 Referans Kwoze  

rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose.


Twebge abakomeye dukwiye kwihanganira intege nke z’abadakomeye, no kutinezereza.


mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’ umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.


Ariko weho, muntu w’Imana, wame uhunga ivyo, arik’ ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza,


N’ukuri yitamba ku muvyimba abacokoranyi, Arikw agirira ubuntu abicisha bugufi.


Kand’ uwo mugabo Mose yar’ umugwaneza kurusha abantu bose bo mw isi.


Kuko nah’ Uhoraho ahambaye, ashira umutima ku bafafara, Arikw abībone abamenyera kure.


ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya,


no guhanūrisha ubugwaneza abamuhāririza, ngo kumbure, bishobotse, Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivy’ ukuri,


Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.


nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.


Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’ Uhoraho.


nkorera Umwami wacu n’umutima wicishije bugufi, kandi ndira, nterwa n’ibingerageza kubg’ inama z’Abayuda.


Kugira umutima wicishije bugufi ugafatanya n’abagorwa Biruta kugabangana iminyago ufatanije n’abibone.


Arabishura, ati Yemwe ab’iki gihe mutizera, nzogeza ryari kubana namwe? Nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Ugendane icubahiro, ugendera kw ifarasi, utsinde, Urwanire ukuri n’ubugwaneza no kugororoka. Ukuboko kwawe kw’i buryo kukwigishe ibitera ubgoba.


Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n’ububi busigaye, mwākīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebge, rishobora gukiza ubugingo bganyu.


Iherezo ry’ikintu riruta itanguriro ryaco; kand’ uw’ umutima wihangana aruta uw’ umutima w’ubgibone.


mushobozwa n’ubushobozi bgose, nk’ukw inkomezi z’ubgiza bgayo ziri, ngo mwihangane rwose, ntimurambirwe, mubigiranye umunezero.


Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite