Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ivyo, abana b’abantu ntibābimenyeshejwe mu bindi bihe, nk’uko mur’ iki gihe intumwa ziwe zera n’abavugishwa na we bābihishuriwe na Mpwemu:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 ryari ryarahishijwe abantu bo mu bihe bitandukanye vyarenganye ariko ubu rikaba ryahishuwe na Mpwemu arihishurira intumwa n’abavugishwa bera b’Imana.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 3:5
24 Referans Kwoze  

Ariko mweho, bakundwa, mwibuke amajambo yavuzwe kera n’intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo;


kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abāvugishwa n’Imana bera, mwibuke n’icagezwe c’Umwami ni we Mukiza, cavuzwe n’abatumwa bābatumweko:


kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abāvugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.


no guserurira bose ububgiriza bg’ibanga ubg’ ari bgo, ryari rihishijwe, uhereye kera hose, mu Mana Umuremyi wa vyose;


arababgira, at’ Ubganyu murazi yuko kizira k’umuntu w’Umuyuda yifatanya n’uw’ ubundi bgoko, canke kw amugendera: ariko jeho, Imana yanyeretse yuko hatogira umuntu nita ikizira cank’ igihumanya.


Ndababgira yukw abāvugishwa n’Imana benshi n’abami benshi bāgomvye kubona ivyo mubona ntibābibona, no kwumva ivyo mwumva, ntibāvyumva.


arik’ Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kand’ azobibutsa ivyo nababariye vyose.


Ndababgira ukuri yukw abavugishwa n’Imana benshi n’abagororotsi benshi bāhahamiye kubona ivyo mubona, ntibābibona, no kwumva ivyo mwumva, ntibāvyumva.


Imana ishobora kubakomeza, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe n’ukwigisha ivya Yesu Kristo bivuga, bihūra no guhishurwa kw’ ibanga ryahozwe uhereye kera hose,


Arik’ uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarōngōra abashitse ku kuri kwose, kukw atazovuga ivyo yigeneye, arikw ivy’ azokwumva vyose ni vyo azovuga, kand’ azobamenyesha ibigira bize.


Ehe ngira ntume abavugishwa n’Imana n’abanyabgenge bo n’abanyabgenge b’ivyanditswe; bamwe muri bo muzobica, mubabambe, abandi muzobatonagurira mu masinagogi yanyu, mubatuza mu bisagara vyose;


Ni co catumye Imana ivugisha ubgenge bgayo, iti Nzobatumakw abo mvugisha n’intumwa, bamwe muri bo bazobica, abandi bazobahama,


uko ni kw azojoreza amahanga menshi; abami bazozibira akanwa kabo imbere yiwe: kuko bazobona ico batābgiwe, n’ico batumvise bazocitegereza.


Arikw Imana yabiduhishuriye muri Mpwemu wayo: Mpwemu asesa vyose, n’ibihishijwe vy’Imana.


Baramwishura, bati N’ukw ata waturaritse. Arababgira, ati Namwe ni mungīre mu ruzabibu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite