Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 3:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 namwe, ni mwayasoma, muzoshobora kubona ingene nzi ibanga rya Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nimwasoma ibi rero, muzoshobora gutahura uguhishurirwa mfise kw’iryo banga rya Kristo,

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 3:4
19 Referans Kwoze  

kandi natwe nyene mudusengere, kugira ngw Imana itwugururire urugi rwo kuvuga ijambo ryayo, tuvuge ibanga rya Kristo, iryo mbohewe,


Umuntu n’atwiyumvire yuko tur’ abasuku ba Kristo, n’ababgiriza b’amabanga y’Imana.


Naho nd’umutungu mu majambo, sind’ umutungu mu bgenge, kand’ ivyo twarabiberetse muri vyose no mu maso ya bose.


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


kugira ngw imitima yabo ireme, kuko bamatanirijwe mu rukundo ngo bahabge itunga ryose ry’ugutahura ata mazinda, babone kumenya ibanga ry’Imana, ni ryo Kristo,


Kandi nanje nyene munsengere, kugira ngo mpabge insiguro uko mvuze kwose, mmenyekanishe nshize amanga ibanga ry’ubutumwa bgiza,


Iryo banga rirahambaye, ariko mbivuze kuri Kristo n’ishengero.


itwātiye ibanga ry’ivy’ igomba, nk’uko vyayihimbaye, ibigabiye kera muri we,


Arababgira, ati Mwebge mwāhawe kumenya amabanga y’ubgami bg’Imana: arikw abasigaye babibarirwa mu migani; ngo barābe, yamara ntibavyitegereze; bumve, yamara ntibabitahure.


Ariko bagumye ibanga ry’ukwizera, bafise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi.


Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa.


Arabishura, ati Mwebge mwahawe kumenya amabanga y’ubgami bgo mw ijuru, ariko bo ntibābihawe.


Bene Data, singomba ko mutamenya iri banga, mwoye kwiyita abanyabgenge, n’iry’ uko habaye gukomantaza imitima y’Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa ah’ igitigiri gikwiye c’abanyamahanga kizokwinjirira mw ishengero.


Imana ishobora kubakomeza, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe n’ukwigisha ivya Yesu Kristo bivuga, bihūra no guhishurwa kw’ ibanga ryahozwe uhereye kera hose,


yuko mu guhishurirwa nātiwe ibanga, nk’uko nabanje kwandika mu majambo make,


no guserurira bose ububgiriza bg’ibanga ubg’ ari bgo, ryari rihishijwe, uhereye kera hose, mu Mana Umuremyi wa vyose;


ni ryo banga ryari ryarahishijwe uhereye kera hose n’ibihe vyose, ariko noneho ryahishuriwe abera bayo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite