Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 2:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 kandi ngw ayo macakubiri, amaze kuyagira umubiri umwe, ayuzurishe n’Imana umusaraba, awicishije bga bgansi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Kandi abagire umubiri umwe abahuze n’Imana biciye mu rupfu rwo ku musaraba, uwo yicishije ubwo bwansi bwari hagati yabo.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 2:16
14 Referans Kwoze  

Ko twujujwe n’Imana n’urupfu rw’Umwana wayo, tukir’ abansi bayo, none tumaze kwuzura na yo, ubugingo bgiwe buzorushiriza kudukiza.


ihanaguye n’icete kitwagiriza, kirimw’ amabgirizwa cāduhama, igikūra hagati yacu na yo, ikibamba ku musaraba.


ubgansi amaze kubuhinduza ubusa umubiri wiwe, ni bgo vya vyagezwe birimw’ amabgirizwa ava mu vyashinzwe; kugira ngo muri we ya macakubiri ayarememw’ umuntu umwe musha, ngw azane amahoro artyo;


Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura.


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


Kuko kwitwaririka ivy’ umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n’Imana, kandi kudashobora kuvyumvira.


Kandi tumenye iki, yuk’ umuntu wacu wa kera yabambanywe na we, kugira ng’umubiri w’icaha uhindurwe ubusa, ntitwame tujakariye icaha:


Nk’uk’ uwo mutsima ar’ umwe, twebge, naho turi benshi, tur’ umubiri umwe: kuko twese dusangira umutsima umwe.


yukw abanyamahanga basangiye natwe ibiragwa, basangiye natwe umubiri umwe, basangiye natwe ivyasezeranywe muri Kristo Yesu kubg’ ubutumwa bgiza.


Harih’ umubiri umwe, na Mpwemu umwe, nk’uko kandi mwahamagariwe icizigiro kimwe c’ihamagarwa ryanyu.


Kand’ amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu, ayo mwahamagariwe ngo mube umubiri umwe: kandi mube abama bakenguruka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite