Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 itwātiye ibanga ry’ivy’ igomba, nk’uko vyayihimbaye, ibigabiye kera muri we,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Imana yaduhaye kumenya ibanga ry’umugambi wayo, uwo yari yarateguye gushira mu ngiro, mu kugira neza kwayo, ibicishije muri Kristo.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 1:9
28 Referans Kwoze  

yadukijije, ikaduhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n’ibikorwa vyacu, arik’ utewe n’uko yabigabiye ubgayo, kand’ utewe n’ubuntu bgayo, twaherewe muri Kristo Yesu ibihe vyose bitaraba,


Kuba mur’ uwo kwaduhesheje gucika ishamvu yayo, twashiriweho kera nk’ukw Iyo yabigabiye, ikora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima wayo iri,


nk’ukw imigabo yayo iri, iyo yagabiye uhereye kera hose muri Kristo Yesu Umwami wacu


kuko nanje ntābuhawe n’umuntu, kandi sinabgigishijwe, ariko ni Yesu Kristo yabumpishuriye.


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abāhamagawe nk’uko yabigabiye.


guhishurira umutima wanje Umwana wayo, ngo mvuge ubutumwa bgiwe bgiza mu banyamahanga, ako kanya sinagishije inama abafise inyama n’amaraso,


Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza ijambo ry’Imana; abāri baragerewe ubugingo budashira bose barizera.


Arabishura, ati Mwebge mwahawe kumenya amabanga y’ubgami bgo mw ijuru, ariko bo ntibābihawe.


ngo bashitse ivy’ ukuboko kwawe n’inama yawe vyari vyaragabiye vyose ko bizoba.


uwo muntu amaze gutangwa nk’ukw Imana yabigabiye yikomvomvoye, ibimenye bitaribgabe, mumubambisha amaboko y’abagarariji, muramwica.


N’iki kibagombesha kubūrana nanje? Mwese mwarancumuyeko, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Imigabo y’Uhoraho ihora ihamye ibihe bidashira, N’ivyiyumviro vyo mu mutima wiwe ibihe vyose.


zit’ Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.


Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami.


Bene Data, singomba ko mutamenya iri banga, mwoye kwiyita abanyabgenge, n’iry’ uko habaye gukomantaza imitima y’Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa ah’ igitigiri gikwiye c’abanyamahanga kizokwinjirira mw ishengero.


Kuko nah’ ubgenge bg’Imana bgageze yukw ab’ isi batazohabga n’ubgenge bg’isi kumenya Imana, Imana yahimbawe gukirisha abayizera ubupfu bg’ivyigishwa.


Arikw aho bihimbariye Imana yandobanuye nkiri mu nda ya mama, ikampamagara kubg’ ubuntu bgayo,


ubgo yadusēsekarije mu bgenge bgose no kumenya:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite