Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 ubgo yadusēsekarije mu bgenge bgose no kumenya:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ubwo buntu yarabudusutseko, ibuduhana ugutahura kwose n’ubwenge bwose.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 1:8
17 Referans Kwoze  

Bavuga n’ijwi rirenga, bat’ Umwagazi yishwe abereye guhabga ububasha n’ubutunzi n’ubgenge n’ubushobozi n’icubahiro no guhimbazwa n’umugisha.


muri we ni ho itunga ryose ry’ubgenge n’ukumenya ryahishijwe.


kugira ngo noneh’ abakuru n’abafise ububasha b’ahantu ho mw ijuru bamenyere kw ishengero ubgenge bg’Imana bg’uburyo bginshi,


Arikw ingabire y’Imana ntimera nka ca gicumuro. Kw igicumuro c’umwe catumye abenshi bapfa, ubuntu bg’Imana n’ingabire y’ubuntu bg’umuntu umwe Yesu Kristo vyarushirije gusāguka kuri benshi.


ni yo Mana imwe yonyene, Umukiza wacu yadukirishije Yesu Kristo Umwami wacu, ubgiza n’icubahiro n’inganji n’ububasha bibe ivyayo, uhereye kera hose, na bugingo n’ubu, ugashitsa ibihe bidashira. Amen.


Kuba mur’ uwo kwaduhesheje gucika ishamvu yayo, twashiriweho kera nk’ukw Iyo yabigabiye, ikora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima wayo iri,


Ariko tuvugishwa n’ubgenge bg’Imana bgari bgaragizwe ibanga, bgari bgaranyegejwe, ubgo Imana yagabiye kera, ibihe vyose bitarabaho ko buzoba icubahiro cacu.


Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!


Rāba, umushumba wanje azoja imbere, azokuzwa ashirwe hejuru, asumbe abandi.


Jewe Bgenge, amakenga nayagize inzu yanje, Nserangura ukumenya n’inama nziza.


Uhoraho we, ereg’ ibikorwa vyawe n’ivy’ uburyo bginshi! Vyose wabikoresheje ubgenge: Isi yuzuye ubutunzi bgawe.


Umwana w’umuntu yaje, arya, anywa, baravuga bati Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha. Kand’ ubgenge burangwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabgo.


Muri we ni ho duhērwa gucungurwa n’amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk’ukw itunga ry’ubuntu bgayo riri,


itwātiye ibanga ry’ivy’ igomba, nk’uko vyayihimbaye, ibigabiye kera muri we,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite