Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abanyefeso 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw ijuru muri Kristo:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo iragahezagirwa, yo yaduhezagiriye ahantu ho mw’ijuru imihezagiro y’impwemu yo mu buryo bwose muri Kristo.

Gade chapit la Kopi




Abanyefeso 1:3
39 Referans Kwoze  

Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, Data wa twese w’imbabazi, kand’ Imana yirura imibabaro yose,


yatuzuranye na we, itwicarikana na we ahantu ho mw ijuru, turi muri Kristo Yesu,


kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye.


ukwo yakoreye muri Kristo, hamwe yamuzura mu bapfuye, ikamuvyagiza i buryo bgayo ahantu ho mw ijuru,


Izina ryayo ry’icubahiro rihimbazwe ibihe bidashira; Kand’ isi yose yuzure icubahiro cayo; Amen, kandi Amen.


Kukw abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.


kugira ngo noneh’ abakuru n’abafise ububasha b’ahantu ho mw ijuru bamenyere kw ishengero ubgenge bg’Imana bg’uburyo bginshi,


Nukw abīshimira ukwizera bahabga umugisha hamwe na Aburahamu yizera.


Yabesi atakambira Imana y’Abisirayeli, at’ Icompa ukampa umugisha, ukūngura urubibe rwanje, ukuboko kwawe kukagenda kundamira, ukandinda ivyago, singorwe! Nukw Imana imuha ivyo yasavye.


Abazobakomokako bazomenyekana mu mahanga, n’uruvyaro rwanyu mu bandi bantu: abazobabona bose bazobemera yukw ar’ ihanga jewe Uhoraho mpaye umugisha.


Uhoraho aguhe umugisha uva i Siyoni; Ni we yaremye ijuru n’isi.


kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.


Izina ryiwe rizohorah’ ibihe bidashira, Izina ryiwe rizogira uruvyaro, izuba rikiriho: Abantu bazokwisabira umugisha wo guhwana na we, Amahanga yose azomwita umuhirwe.


Dawidi araheza abarira iryo koraniro ryose, at’ Enda ni muhimbaze Uhoraho Imana yanyu. Nukw ikoraniro ryose bahimbaza Uhoraho Imana ya ba sekuruza, bunamika amaso, bakubita inkoro hasi imbere y’Uhoraho n’imbere y’umwami.


ngw Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, Data wa twese w’ubgiza, ibahe umutima w’ubgenge no guhishurirwa mu kuyimenya;


Imana y’Umwami Yesu, ni yo Se, ishimwa ibihe bidashira, irazi ko ntabesha.


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


kand’ Imana Isumba vyose iragahezagirwa, yagushize abansi mu maboko! Nuko Aburamu amuha ikigiracumi muri vyose.


Nk’uk’ umubiri ar’ umwe, ukagira ingingo nyinshi, kand’ ingingo z’umubiri zose nah’ ari nyinshi ar’ umubiri umwe, ni ko na Kristo ari.


natwe ni ko turi; turi benshi, kandi tur’ umubiri umwe muri Kristo, umuntu wese n’urugingo rwa mugenzi we.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


vy’ingene izogenza vyose, igihe gikwiye gishitse, gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi.


Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.


kugira ngo muhimbaze n’umutima umwe n’akanwa kamwe Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ni yo Se.


Nukw abo Balewi, Yosuwa na Kadimiyeli na Bani na Hashabuneya na Sherebiya na Hodiya na Shebaniya na Petahiya baca baravuga, bati Ni muve hasi muhimbaze Uhoraho Imana yanyu, nk’uko vyamye uhereye kera hose ugashitsa ibihe bitazoshira. Baraheza bahimbaza izina ryiwe ry’icubahiro, ari ryo rishizwe hejuru gusumba ah’ ugushima kwose n’uguhimbaza kwose bigarukira.


Kand’ abo bakorera igishushanyo n’igitūtu c’ivyo mw ijuru, nk’uko Mose yabgiwe n’Imana, agira akoreshe rya hema, it’ Ugire umwete wo gukoresha vyose, ubigereranye n’ikigereranyo werekewe kuri wa musozi.


kand’ indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’ Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro.


Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa:


Nuko vyari bibereye kw ibigereranyo vy’ivyo mw ijuru vyozwa n’ivyo bimazi, ariko, ivyo mw ijuru ubgavyo bikozwa n’ibimazi biruta ivyo.


Yesu aramubgira, ati Ntunkoreko, kuko ntaradūga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabarire, ut’ Agira adūge kwa Se ari we So, uti Ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.


Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebge.


aramwākira, aramukikira, ashima Imana,


Maze Hezekiya n’abaganwa baje, bakabona ivyo birundo, baciye bashima Uhoraho n’abantu biwe b’Abisirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite