16 ntahengeshanya kubashimira Imana, mbahoza mu kanwa uko nsenze,
16 sinduhuka gushimira Imana ku bwanyu. Ndabibuka uko nsenze.
Ni co gituma natwe, uhereye igihe twavyumviye, tudahengeshanya kubasengera, no kubasabira ngo mwuzuzwe ukumenya ivy’ igomba n’ubgenge bgose no kumenya ivy’ impwemu,
Dushima Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, twama tubasengera ubudasība,
Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bene Data, nk’uko bikwiye, kuk’ ukwizera kwanyu gukura cane, n’urukundo rw’ umuntu wese muri mwebge mukundana rugwira.
Mwese tubashimira Imana imisi yose, tubahoza mu kanwa uko dusenze,
Kandi nanje, ntibikanzeko ko noreka kubasengera, ngacumura k’Uhoraho, ariko nzokwama mbarangira inzira nziza itunganye.
musenge ubudasība;
Ewe Yerusalemu, nshize abashibamyi hejuru ku nzitiro zawe z’amabuye; nta ho bazocereza ku murango no mw ijoro; yemwe abibutsa Uhoraho ntimukaruhuke,
Abisirayeli babarira Samweli, bati Ntuhengeshanye kudutakambira k’Uhoraho Imana yacu, kugira ngw adukize, ntidukorokere mu maboko y’Abafilisitiya.
Maz’ uz’ unyibuke, ni wamara kumererwa neza, uz’ untabare, ndakwinginze, umvugire kuri Farawo, unkūze mur’ iyi nzu.