Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 9:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kandi barira Abisirayeli, uti Ni mujane isuguru y’impene kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, bo n’imasa n’umwana w’intama, vyompi bimaze umwaka, kandi bitagira agasembga, kw ikimazi co kwoswa;

Gade chapit la Kopi




Abalewi 9:3
22 Referans Kwoze  

Ico gihe co kuyishikiriza Imana, bātanze amamasa ijana n’amapfizi y’intama amajana abiri n’imyagazi y’intama amajana ane, kandi batangirira Abisirayeli bose amasuguru y’ impene cumi n’abiri, nk’ukw igitigiri c’imiryango y’Abisirayeli kingana, kw ikimazi gitangirwa ivyaha.


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.


yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


icaha yakoze amaze kukimenyeshwa, az’ azane isuguru y’impene itagira agasembga kw ikimazi ciwe.


Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu:


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Yamar’ Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje; ah’ azotanga ubugingo bgiwe kw ikimazi co gukūrah’ ivyaha, azobona uruvyaro rwiwe, azoramba, ivyo Uhoraho agomba bizoshitswa neza n’ukuboko kwiwe.


Abo bararahira bakorana mu ntoke yuko birukana abagore babo; kandi batanga impfizi y’ intama kw iciru, kuko batsinzwe n’urubanza.


Ku musi muwujungujeko muze munshikanire n’isuguru y’intama itaramara umwaka kw ikimazi co kwoswa.


Aheze akerere ya mpene y’ikimazi co gutangirwa ivyaha vy’abantu, yinjirane amaraso yayo hirya ya ca gihuzu, ayagenze nk’uko yagenjeje amaraso ya ya masa, ayacucagire kuri wa mutemere wo guhongerako, bo n’imbere yawo.


Maze yake ikoraniro ry’Abisirayeli amasuguru abiri y’impene kuba ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’intama kuba ikimazi co kwoswa.


Ku musi ugira umunani aze yābīre abana b’ intama babiri b’amasuguru, batagira agasembga, n’inyana y’intama itarengeje umwaka itagira agasembga, bo n’ibice bitatu vy’icumi vy’ingero y’ifu igogōretse vyo kuba ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo, n’ingero imwe yitwa logi y’amavuta ya elayo.


Imisi y’uguhumanurwa kwiwe ni yaramuka ishize, yo ku muhungu canke ku mukobga, az’ azane umwagazi w’intama utarengeje umwaka kw ikimazi co kwoswa, n’icana c’inuma cank’ intunguru, kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, abizanire umuherezi ku muryango w’ihema ry’ibonaniro:


Umwagazi wanyu uz’ ube ūtagira agasembga, w’isuguru itarengeje umwaka: muze muwukūre mu ntama canke mu mpene.


Bābīra wa mwambaro wa Yosefu, babāga isuguru y’impene, bawujobeka mu maraso yayo;


abarira Aroni, ati Jana ishuri y’umukangara y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’ impfizi y’intama y’ikimazi co kwoswa, bitagira agasembga, ubitange ur’ imbere y’Uhoraho.


n’impfizi y’inka n’impfizi y’intama kw ikimazi c’ishimwe, vyo gukererera imbere y’Uhoraho; bo n’ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo; kuk’ uyu musi Uhoraho agira abiyereke.


Mose abariritsa ca kimazi c’impene catangiwe ivyaha, asanga catongotse. Arakira bene Aroni basigaye, Eleyazari na Itamari, arababaza,


namb’ ar’ umuherezi yarobanujwe amavuta aramutse akoze icaha, agacumuza ubgo bgoko, az’ atangire ico caha ciwe yakoze imasa y’umukangara itagira agasembga: ayinzanire kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite