Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 9:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Umuriro uvuye imbere y’Uhoraho uraheza uraza, utōngōrera ku gicaniro ca kimazi coshejwe bo na vya binure: abo bantu bose babibonye, basēsereza impundu, barūnama bashika hasi.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 9:24
24 Referans Kwoze  

Maz’ umumarayika w’Uhoraho atuma inkoni yari yitwaje, ayikoza kur’ izo nyama na ya mitsima itambiwe, umuriro uca waduka mur’ iryo buye, urabitōngōra; nuk’ uwo mumarayika w’Uhoraho aca akamangana: ni yo maso.


Maze Dawidi ahubakira Uhoraho igicaniro, ahosereza ibimazi, atanga n’ ibimazi vy’ishimwe, yambaza Uhoraho; Uhoraho amwishurisha kurekura umuriro, utibukira kur’ ico gicaniro yosherejekw ibimazi.


Ewe Mwungere w’Abisirayeli, tega ugutwi, Ni wewe urōngōra aba Yosefu nk’umukuku; Ewe uvyagira ku Bakerubi, kayangana.


Arik’ umugore wiwe aramwishura, at’ Iyaba Uhoraho yagomba kutwica, ntaba yātwākīriye ikimazi cacu coshejwe bo n’ishikanwa ryacu ry’ifu, kandi ntaba yātweretse ivyo vyose, canke ngw atubarire amajambo ameze nk’ayo.


Umuriro uze wame waka ku gicaniro udahengeshanya, ntuz’ uzime.


Umumarayika w’Uhoraho amubonekerera mu rubeya rw’umuriro uva hagati mu gisaka c’amahwa: aritegereza, abona ico gisaka cakamw’ umuriro, ariko nticatemuka.


Maz’ izuba rirenze, bumaze gukorana, haboneka ikibengebenge c’umuriro gipfūndūka umwotsi n’ urumuri rwaka, bica hagati y’ivyo bihimba.


Abamarayika bose bari bahagaze bakikije ino ntebe, bakikije na ba bakuru na vya binyabugingo, bikubita hasi bubamye imbere y’intebe, basenga Imana,


Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.


Yunguruza imbere gatoya, arubama, arasenga, ati Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.


Bakaririmba bahāniranwa, bahimbaza Uhoraho bamushima, bat’ Erega ni mwiza, kukw imbabazi agirira Abisirayeli zamah’ ibihe bidashira. Maz’ abantu bose bashira amajwi hejuru, barasemerera batazira Uhoraho, kukw itanguriro ry’ingoro y’Uhoraho rimaze gushirwaho.


Kand’ iyo vya binyabugingo bihaye uguhimbazwa n’icubahiro n’ishimwe Ivyagiye kuri ya ntebe, ni yo Ibaho ibihe bitazoshira,


Ariko none ndakwubakiye ingoro yo kubamwo, ahantu uzokwibera ibihe vyose.


Nuko Hezekiya asengera imbere y’Uhoraho, at’ Ewe Uhoraho, Mana y’ Abisirayeli, uvyagiye ku bakerubi, ni wewe Mana wenyene y’ibihugu vy’abami bose bo mw isi, ni wewe waremye ijuru n’isi.


Baca barapfukama barūnama, bati Mana, yewe Mana y’impwemu z’abari n’umubiri bose, umuntu umwe akoze icaha, mbega woca urakira ishengero ryose?


Maze Mose na Aroni bikubitira hasi imbere y’ishengero ryose ry’Abisirayeli ryari rihakoraniye.


Aburamu arapfukama, arūnama, Imana iramubgira,


Haza umuriro uvuye imbere y’Uhoraho, urabīca, bagwa aho imbere yiwe.


Nta bigabitanyo ibonye mu ba Yakobo, Nta bugoryi ibonye mu Bisirayeli: Uhoraho Imana yabo ari kumwe na bo, Muri bo hasēserezwa impundu z’Umwami.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite