Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 9:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Maze Aroni aterura amaboko, atumbereye abantu, arabahezagira; araheza arururuka, ava aho yatangiye ca kimazi catangiwe ivyaha, na ca kimazi coshejwe, na ca kimazi c’ishimwe.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 9:22
16 Referans Kwoze  

Abavanaho, abashitsa aharābana n’i Betaniya, aterura amaboko, arabahezagira.


Maz’ abaherezi bo mu ruvyaro rwa Lewi bīgire hafi, kukw abo ari bo Uhoraho Imana yanyu yatoranije ngo bamuhereze, ngo bahezagire n’abantu mw izina ryiwe, kandi ni bo basanzwe baca imanza zose z’imiburano n’iz’ inguma.


ntimugere ikibi ku kindi, cank’ igitutsi ku kindi; ariko mubigerāne n’umuhezagiro, kukw ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha.


Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, n’urukundo rw’Imana, n’ubumwe buva kuri Mpwemu Yera, bibane namwe mwese.


Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.


Arabarera, arabahezagira, abarambitsekw ibiganza.


Izina ryiwe rizohorah’ ibihe bidashira, Izina ryiwe rizogira uruvyaro, izuba rikiriho: Abantu bazokwisabira umugisha wo guhwana na we, Amahanga yose azomwita umuhirwe.


Maz’ umwami arahindukira, ahezagira ikoraniro ryose ry’Abisirayeli; kand’ iryo koraniro ryose ryari rihagaze.


Bene Amuramu bāri Aroni na Mose; kandi Aroni yari yarobanuwe kugira ngo yezwe, abe uwera cane, bo n’abahungu biwe, gushitsa ibihe vyose, ngo bame bosereza imibavu imbere y’Uhoraho, bamusukūrire, basabire abantu umugisha mw izina ryiwe ibihe vyose.


Arahagarara, asabira ikoraniro ryose ry’Abisirayeli umugisha, avuga n’ijwi rirenga,


Mur’ ico gihe Uhoraho arobanura umuryango w’Abalewi kugira ngo barerure ya sandugu y’ isezerano ryiwe, kandi ngo bahagarare imbere yiwe bamuhereze, bahezagire n’abantu mw izina ryiwe, nk’uko biri na bugingo n’ ubu.


Mose yitegereza ivyo bākoze vyose, asanga barabiroranije; nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze, ni ko bābikoze: Mose arabahezagira.


Uhoraho abarira Mose,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite