21 izo nkoro, bo n’ibikenye vy’amaguru y’i buryo, Aroni arabizunguza, kuba ishikanwa rizungurijwe imbere y’ Uhoraho, nk’uko Mose yageze.
Umuntu iy’ avuze, avuge nk’ūbivugishijwe n’Imana: umuntu iy’ agabuye, agabure nk’ūfise ubushobozi Imana itanga; kugira ngw Imana iterwe icubahiro muri vyose, kubga Yesu Kristo, afise icubahiro n’ububasha ibihe bitazoshira. Amen.
Uwo mwanya hamwe n’uwo mumarayika haboneka ingabo nyinshi zo mw ijuru, zihimbaza Imana,
Kandi yarambariye, ati Ni wewe musavyi wanje, Isirayeli, uwo nzoherwamw’ icubahiro.
Ntimuze mwigere mugeza ubuseri mu kanwa mu ngo zanyu zose, ar’ ubg’ ibiguruka, cank’ ubg’ ibitunzwe, cank’ ubg’ ibikōko.
Arikw ibinure vy’ iyipfiriye, cank’ ivy’ ikirangara, vyoshobora gukoreshwa igikorwa kindi cose: ariko ntimuze mubiryeko na gatoya.
ivyo vyose ubishire ku mashi ya Aroni no ku y’abana biwe, ubizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje.
bafasha ivyo binure ku nkoro z’ivyo bimazi; araheza yosereza ivyo binure ku gicaniro,