Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 9:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 abarira Aroni, ati Jana ishuri y’umukangara y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’ impfizi y’intama y’ikimazi co kwoswa, bitagira agasembga, ubitange ur’ imbere y’Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 9:2
15 Referans Kwoze  

namb’ ar’ umuherezi yarobanujwe amavuta aramutse akoze icaha, agacumuza ubgo bgoko, az’ atangire ico caha ciwe yakoze imasa y’umukangara itagira agasembga: ayinzanire kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.


atarinda kubanza gutanga ibimazi vy’ivyiwe vyaha uko bukeye, nka ba baherezi bakuru bandi, hanyuma agatanga ivy’ abandi bantu. Kukw ivyo yabikoze rimwe, hamwe yitanga.


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Araheza azana impfizi y’ intama y’ikimazi co kwoswa; Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.


Araheza azana ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.


Uku abe ari k’uzobagenza mu kubarobanura, ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi. Wābīre imasa y’umukangara n’impfizi z’intama zibiri zitagira agasembga,


Ni co gituma akwiye no kwitangira ibimazi vy’ivyiwe vyaha, nk’ukw abitangira abandi bantu.


Kandi barira Abisirayeli, uti Ni mujane isuguru y’impene kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, bo n’imasa n’umwana w’intama, vyompi bimaze umwaka, kandi bitagira agasembga, kw ikimazi co kwoswa;


Mu mwaka w’icumi, mu kwezi kw’icumi, ku musi ugira icumi na kabiri w’ukwo kwezi, ijambo ry’Uhoraho ryanjeko,


Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni cāba ar’ ico mu busho, az’ atange imasa itagira agasembga: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa ni caba ar’ ico mu mukuku, ar’ intama cank’ impene, az’ atange isuguru itagira agasembga.


Aroni uku abe ari kw azogenza, mu kwinjira Ahēra: aze yābīre imasa y’umukangara y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’ intama y’ikimazi co kwoswa.


Maze yake ikoraniro ry’Abisirayeli amasuguru abiri y’impene kuba ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’intama kuba ikimazi co kwoswa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite