19 bamuhēreza ibinure vy’iyo mpfizi, n’ivy’ iyo mpfizi y’intama, n’umurizo uko wagahometsekw ibinure, n’urubambanda, n’amafyigo, n’udushami dutoya tw’ibitigu;
arikw ibinure, n’amafyigo, n’agashami gatoya k’igitigu vy’ico kimazi gitangiwe ivyaha, avyosereza ku gicaniro, nk’uk’ Uhoraho yari yarageze Mose.
Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa, ari ryo shikanwa ritōngōrwa n’umuriro, ngo ribe umubabge umota neza; ibinure vyose bizoba ivyanje.
Maz’ ico kimazi ciwe c’ishimwe agikūrekw ishikanwa anshikanira ryo gutōngōrwa n’umuriro, ribe ibinure vy’uwo mwana w’intama; umurizo wawo uko wagahometsekw ibinure, az’ awucire mu nguge udasonōye, n’urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara,
Bene Aroni baheze bavyosereze ku gicaniro, babigeretse ku kimazi coswa kiri ku nkwi ziri ku muriro: ivyo bizoba ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.
Ntimuze muzirye mbisi, canke zitetse, shiti zitaze; hamwe n’umutwe wawo n’ibinōno n’ivyo mu nda.
Maze wābīre urubambanda rwose rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’amafyigo yompi, n’ ibinure bifashe kuri yo, uvyosereze ku gicaniro.
bafasha ivyo binure ku nkoro z’ivyo bimazi; araheza yosereza ivyo binure ku gicaniro,