Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 9:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Maz’ azana ibimazi abantu batanze; yābīra impene y’ikimazi co gutangirwa ivyaha vy’abantu, arayikerera, ayitanga kubg’ ivyaha, nk’uko yatanze ca kimazi ca mbere.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 9:15
11 Referans Kwoze  

Ni co gituma akwiye no kwitangira ibimazi vy’ivyiwe vyaha, nk’ukw abitangira abandi bantu.


Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana, w’imbabazi kand’ agororoka, abe impongano y’ivyaha vy’abantu.


Kandi barira Abisirayeli, uti Ni mujane isuguru y’impene kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, bo n’imasa n’umwana w’intama, vyompi bimaze umwaka, kandi bitagira agasembga, kw ikimazi co kwoswa;


yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Yamar’ Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje; ah’ azotanga ubugingo bgiwe kw ikimazi co gukūrah’ ivyaha, azobona uruvyaro rwiwe, azoramba, ivyo Uhoraho agomba bizoshitswa neza n’ukuboko kwiwe.


Aronga amara yaco, n’ibikenye vy’amaguru, aravyosa, abigeretse ku vy’ico kimazi coshejwe kiri ku gicaniro.


Mose abariritsa ca kimazi c’impene catangiwe ivyaha, asanga catongotse. Arakira bene Aroni basigaye, Eleyazari na Itamari, arababaza,


Abaherezi barayakerera, batanga amaraso yayo ku gicaniro kw ikimazi gitangirwa ivyaha, ngo bahongerere Abayuda bose; kuk’ umwami yavuze kw ikimazi co kwoswa n’ikimazi co gutangirwa ivyaha bitangirwa Abayuda bose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite