Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 9:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze ku musi ugira umunani, Mose ahamagara Aroni n’ abana biwe n’abakuru bo mu Bisirayeli;

Gade chapit la Kopi




Abalewi 9:1
9 Referans Kwoze  

Umusi w’isabato ushize, ku wa mbere w’imisi ndwi, umutwenzi ugomba gutambika, Mariya Magadalene na Mariya wundi baja kurāba imva.


Maze ku w’umunani az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, abihe umuherezi;


Ku musi ugira umunani, yijanire intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, abishīre umuherezi ku muryango w’ihema ry’ibonaniro;


Ku musi ugira umunani, yijanire intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, abizane imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, abihe umuherezi;


Ku musi ugira umunani, az’ abishīre umuherezi ku muryango w’ihema ry’ibonaniro imbere yanje, bibe ivyo kumuhumanura.


Ku musi ugira umunani aze yābīre abana b’ intama babiri b’amasuguru, batagira agasembga, n’inyana y’intama itarengeje umwaka itagira agasembga, bo n’ibice bitatu vy’icumi vy’ingero y’ifu igogōretse vyo kuba ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo, n’ingero imwe yitwa logi y’amavuta ya elayo.


Ntimuze mutirimuke ngo muve ku muryango w’ihema ry’ibonaniro kumara imisi ndwi, gushitsa ah’ imisi yanyu yo gushikirizwa iryo bango izoshirira: kuko muzomara imisi ndwi murishikirizwa.


Nuko Aroni n’abana biwe babikora vyose, uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite