Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 8:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nuko Mose agenza nk’uk’ Uhoraho yamubariye; iryo koraniro rikoranira ku muryango w’ihema ry’ ibonaniro.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 8:4
19 Referans Kwoze  

Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw ivyanditswe bivuga,


Kukw ico nahawe n’Umwami wacu ari co nabashikirije namwe, yuk’ Umwami Yesu mw ijoro yaguzwemwo yābiriye umutsima,


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


Ico mbageze cose muze mucitondere, mugishitse; ntimuze mucungurireko, canke ngo mukigabanye.


Ku muryango w’ihema ry’ibonaniro abe ari ho mumara imisi ndwi ku murango no mw ijoro, mwitondera ivyo Uhoraho yabajeje, kugira ngo ntimupfe: kuk’ uko ari ko nabariwe.


Maze Mose yābīra inkoro, arayizunguza ngw ibe ishikanwa rizungurijwe imbere y’Uhoraho: uwo war’ umwanya wa Mose wo kur’ iyo mpfizi y’intama yo kubinjiza mw ibango, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


Arikw ivy’ iyo masa, urusato rwayo n’inyama zayo n’amayezi yayo abituririra inyuma y’aho bashagaje, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


Mose araheza azana bene Aroni, abambika amakanzo, abakenyeza imikanda, abapfundika n’udukofero; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


Amwambika na ca gitambara mu mutwe; imbere kur’ ico gitambara agishirako ka kabāte k’izahabu, ari co gitsibo cera; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


n’ umukanda mu nyuzi zera derere nziza zihinzwe neza, no mu z’ amasufe n’iz’ amashigisha n’izisa n’agahama, wajererenzwekw amabara n’abahinga bavyo, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.


iyo midende bayirobekeranya n’ayo makomamanga, bikīkūza umubuga w’uwo mwinjiro impande zose, uba uwo kwambarwa mu guhereza, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.


Uwo mupfuko wo kwambara ku gikiriza bawufatanisha impeta zawo n’impeta zo kuri efodi akagozi ko mu nyuzi z’amasufe, kugira ng’ ugume kuri wa musipi wa efodi wajishwe n’abahinga, uwo mupfuko ngo woye gukūrwa kuri efodi, babigenjeje nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.


Besaleli adutēra ahahera ku bitugu ku bizāna vya efodi, kugira ngo tubere Abisirayeli utubuyenge two kwibukwako, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.


Umusipi ujishwe n’abahinga, ujishiwe kuri wo, wo kuwukenyeza, uba kimwe na wo, wajishwe nka wo; bawujishishije intahe z’izahabu n’inyuzi z’amasufe n’iz’ amashigisha n’izisa n’agahama n’ izera derere nziza zihinzwe neza, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.


Za nyuzi z’amasufe n’iz’ amashigisha n’izisa n’agahama bazijishamw’ imyambaro ijishitse neza yo kwambara mu gukora Ahēra, ni yo myambaro yejejwe yo kwambara Aroni, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.


uheze ukoranirize ikoraniro ryose ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Mose abarira iryo koraniro, at’ Ibi ni vyo Uhoraho yageze ko bikorwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite