35 Ku muryango w’ihema ry’ibonaniro abe ari ho mumara imisi ndwi ku murango no mw ijoro, mwitondera ivyo Uhoraho yabajeje, kugira ngo ntimupfe: kuk’ uko ari ko nabariwe.
Ndakwihanikiririza mu nyonga z’Imana no mu za Kristo Yesu azocirakw iteka abazoba bariho n’abazoba bapfuye, kandi no kubgo kuzoboneka kwiwe n’ubgami bgiwe:
Ndakwihanikiririza mu nyonga z’Imana na Yesu Kristo n’imbere y’abamarayika bātoranijwe, witondere ivyo, ntuce urw’ umwe, ntukore ivyo guca urwa nkunzi.
aze yihumanuze ayo mazi ku musi ugira gatatu no ku wugira indwi, abone guhumanuka; ariko n’atihumanura kur’ uwo musi ugira gatatu no ku wugira indwi, ntazoba ahumanutse.
Maze Mose yābīra kuri ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, no ku maraso yari ku gicaniro, abicucagira kuri Aroni no ku myambaro yiwe, no ku bana biwe no ku myambaro yabo; yeza Aroni n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’imyambaro yabo.