Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 8:35 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Ku muryango w’ihema ry’ibonaniro abe ari ho mumara imisi ndwi ku murango no mw ijoro, mwitondera ivyo Uhoraho yabajeje, kugira ngo ntimupfe: kuk’ uko ari ko nabariwe.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 8:35
24 Referans Kwoze  

Uze wumvire ivyo Uhoraho Imana yawe yageze, ugendere mu nzira ziwe, witondere ivyo yashinze, n’amabgirizwa yiwe, n’amateka yiwe, n’ivyo yihanikirije, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose, kugira ng’ ugire ikiganza ciza mu vy’uzokora vyose n’ah’ uzoja hose;


Nuko mukunde Uhoraho Imana yanyu, muze mwame mwitondera ivyo yabajeje, n’amabgirizwa yiwe, n’amatēka yashinze, n’ivyagezwe vyiwe.


Iy’ ico gicu kigumye kw ihema kumara imisi myinshi, Abisirayeli na bo bitondera ico Uhoraho yabihanikirije, ntibagende.


bamutumikire mu vyo yagezweko, no mu vy’ ishengero ryose ryagezweko, imbere y’ihema ry’ ibonaniro; bakore n’ibikorwa vy’ iryo hema.


Ivyagezwe bishirah’ abanyantege nke kuba abaherezi bakuru, arikw ijambo ry’indahiro yaherukiye ivyagezwe rishirah’ Umwana w’Imana yahīngūwe rwose gushitsa ibihe bidashira.


Ndakwihanikiririza mu nyonga z’Imana no mu za Kristo Yesu azocirakw iteka abazoba bariho n’abazoba bapfuye, kandi no kubgo kuzoboneka kwiwe n’ubgami bgiwe:


Ewe Timoteyo, wame uzigama ico wabikijwe, utere ibitugu ibizira vy’amagambo ahumanya n’ukurwana kw’ivyitwa ubgenge atari bgo,


Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;


Ndakubgiririza mu nyonga z’Imana ibeshaho vyose, no mu za Kristo Yesu yashingishije intahe ukwatura kwiza imbere ya Pontiyo Pilato,


Ndakwihanikiririza mu nyonga z’Imana na Yesu Kristo n’imbere y’abamarayika bātoranijwe, witondere ivyo, ntuce urw’ umwe, ntukore ivyo guca urwa nkunzi.


Iri bgirizwa ndariguhaye, mwana wanje Timoteyo, nk’ukw abavugishwa n’Imana bākuvuzeko ubga mbere, ng’ ufashwe na vyo kurwana intambara nziza,


Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.


Uzoba uw’ abaherezi bejejwe bo muri bene Sadoki, bāsigaye bitondera ivyo nabajeje, ntibazimire igihe Abisirayeli bāzimira, nk’ukw Abalewi bāzimiye.


Uko bukeye kumara imisi ndwi, uze wame ugera isuguru y’impene yo kuba ikimazi gitangirwa ivyaha; kandi baze bame bagera imasa y’ umukangara n’isuguru y’intama ikūwe mu mukuku, bitagira agasembga.


aze yihumanuze ayo mazi ku musi ugira gatatu no ku wugira indwi, abone guhumanuka; ariko n’atihumanura kur’ uwo musi ugira gatatu no ku wugira indwi, ntazoba ahumanutse.


Nyene guhumanurwa aheze amesure impuzu ziwe, yimoshe ahamera umushatsi hose, yiyuhagire, azoba ahumanutse, abone kugaruka aho mushagaje; arikw amare imisi ndwi abe hanze inyuma y’ihema ryiwe.


Nadabu na Abihu, bene Aroni, bābīra ivyotero vyabo, bashiramw’ umuriro, bashirakw imibavu, bayosereza Uhoraho ku muriro urahuwe ahandi, uwo atabageze.


Maze Mose yābīra kuri ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, no ku maraso yari ku gicaniro, abicucagira kuri Aroni no ku myambaro yiwe, no ku bana biwe no ku myambaro yabo; yeza Aroni n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’imyambaro yabo.


Ivyo abe ari vyo uzogirira Aroni n’abana biwe, nk’uko ndabikugeze vyose: uz’ umare imisi ndwi ukora ivyo kubinjiza mw ibango.


Uko bikozwe uyu musi, ni k’Uhoraho yageze ko bizokorwa mu kubatangira impongano.


Nuko Aroni n’abana biwe babikora vyose, uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite