Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 8:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Ibisigara kur’ izo nyama no kur’ iyo mitsima mubiturire.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 8:32
8 Referans Kwoze  

Izo nyama z’ico kimazi cabinjije mw ibango, cank’ imitsima, ni haramuka hagize igisigara, kikarāra, uz’ ugiturire: ntikize kiribge, kukw ar’ icera.


kuko yavuze, iti Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise, No ku musi wo gukirizwako ndagutabaye. Ehe none n’igihe co kwemererwamwo, ehe none n’umusi wo gukirizwako.


Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.


Ntukarāte ivy’ ejo, Kuk’ utazi ivyo umusi uzovyara.


Arikw inyama z’ico kimazi ni zashika ku musi ugira gatatu, zize ziturirwe.


Ntimuze mugire ico musiga ngo kirāre: hagize ikirāye mugiturire.


Ntimuze mutirimuke ngo muve ku muryango w’ihema ry’ibonaniro kumara imisi ndwi, gushitsa ah’ imisi yanyu yo gushikirizwa iryo bango izoshirira: kuko muzomara imisi ndwi murishikirizwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite