Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 8:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 uheze ukoranirize ikoraniro ryose ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 8:3
16 Referans Kwoze  

Umusi wa Pentekote ushitse, bose bāri bakoraniye ahantu hamwe;


Nuko mu kwezi kwa kabiri hakoranira abantu benshi i Yerusalemu, kugira umusi mukuru w’ imitsima itambiwe, ar’ ikoraniro rinini cane.


Ishimwe ngushimisha mw ikoraniro ryinshi riva kuri wewe: Nzoshitsa amasezerano nagusezeraniye imbere y’abakwubaha.


Maz’ abantu bose iyo bava bakagera bakoranira icarimwe ku kibuga kir’ imbere y’irembo ry’ amazi, basaba Ezira, umunyabgenge w’ivyanditswe, ngw azane igitabo c’ivyagezwe vya Mose, bimwe Uhoraho yaha Abisirayeli.


Nukw iryo koraniro ryose ry’Abayuda riranezerwa, bo n’abaherezi n’ Abalewi, n’ikoraniro ryose ryavuye i Bgisirayeli, n’abari baravuye mu gihugu c’i Bgisirayeli bakaza kuba i Buyuda.


Kuk’ umwami n’abaganwa biwe n’ikoraniro ryose ry’ i Yerusalemu bari bagiye inama yo kugira umusi mukuru w’ivya Pasika mu kwezi kwa kabiri.


Maz’ umwami Salomo hamwe n’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bāri bakoraniye imbere yiwe bahagaze imbere y’iyo sandugu, batanga intama n’inka kw ibimazi zitoharūrwa canke ngo zimenyekane igitigiri, kuko zar’ isinzi.


Maze Salomo akoranya abashingantahe b’Abisirayeli n’abakuru b’imiryango bose, ari bo bakuru bo mu mazu ya ba sekuruza b’ Abisirayeli, bakoranira i Yerusalemu, kugira ngo badūgane isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bayikūye mu gisagara ca Dawidi, ari ho i Siyoni.


Nuko Dawidi akoraniriza Abisirayeli bose i Yerusalemu, kugira ngo baje kudūgana iyo sandugu y’ Uhoraho, bayishire ahantu hayo yayitunganirije.


Nuko Dawidi akoranya Abisirayeli bose, uhereye kuri Shihori, uruzi rwa Egiputa, ugashitsa ahafata i Hamati, kugira ngo baje i Kiriyati‐yeyarimu gukūray’ isandugu y’Imana.


Bavudukayo bashika i Beri; aho ni ha handi Beri Uhoraho yabaririra Mose, ati Koranya abantu, ndabahe amazi;


at’ Abīra ya nkoni, muheze mukoranye iryo shengero, mwe na Aroni mukurwawe, mubaririre igitandara imbere yabo gisendanishe amazi yaco; ubakūrire amazi mur’ ico gitandara, uhe iryo shengero n’ ivyo bashoreye amazi yo kunywa.


ati Jana Aroni n’abana biwe, na ya myambaro na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, na za mpfizi z’intama zompi, na ya ndumane irimw’ imitsima itambiwe;


Nuko Mose agenza nk’uk’ Uhoraho yamubariye; iryo koraniro rikoranira ku muryango w’ihema ry’ ibonaniro.


Maz’ uzane Abalewi imbere y’ihema ry’ibonaniro, ukoranye n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli.


Umuherezi amuhumanura ashire uwo muntu nyene guhumanurwa hamwe n’ivyo bintu, imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite