27 Ivyo vyose abishira ku mashi ya Aroni no ku y’abana biwe, ngo babizunguze kuba ishikanwa rizungurijwe imbere y’Uhoraho.
mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?
Umwami wabo azoba uwo muri bo bgite, ūbaganza akomoke hagati muri bo: nanje nzomwiyegereza, kand’ azonshikīra: kuko ni nde yohangara kunshikīra? ni jewe Uhoraho mbibajije.
Mose araheza abikūra ku mashi yabo, avyosereza ku gicaniro, abigeretse kuri ca kimazi coshejwe; biba ivyo kubinjiza mw ibango, vy’umubabge umota neza, ikimazi gishikaniwe Uhoraho kigatōngōrwa n’umuriro.
Uwo muherezi yābīre imwe mur’ ayo masuguru y’intama, ayitangekw ikimazi c’impongano, ayitangane na ya ngero yitwa logi y’amavuta, abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje;