Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 8:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Maze Mose arayikerera, yābīra ku maraso yayo, ayakoza ku gutwi kw’i buryo kwa Aroni ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 8:23
18 Referans Kwoze  

Uheze uyikerere, wābīre ku maraso yayo, uyakoze ku gutwi kw’i buryo kwa Aroni ahahera hejuru, no ku matwi y’i buryo y’abana biwe ahahera hejuru nyene, no ku bikumu vyabo vy’i buryo, no ku mano yabo manini y’i buryo, ayandi uyamijagire ku gicaniro impande zose.


amavuta asigaye ku rushi rwiwe, uwo muherezi ayakoze ku gutwi kw’i buryo kw’uyo arikw arahumanurwa, ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo, aharoye ya maraso y’ikimazi c’impongano.


Uwo muherezi yābīre ku maraso y’ico kimazi c’impongano, ayakoze ku gutwi kw’i buryo kw’uyo arikw arahumanurwa, ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo.


Arikw asangwa nkwiye gusukwa ku kimazi c’ukwizera kwanyu no kw ibango ryakwo, ndanezerwa, nnezeranwa namwe mwese:


nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.


kuko mwaguzwe igiciro. Nuko rero, mushimishe Imana mu mibiri yanyu.


Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa:


turabandikiye mwebge abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, bejejwe muri Kristo Yesu, bāhamagariwe kuba abera, hamwe na bose bambariza ahantu hose izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ni we Mwami wabo n’uwacu.


Nuko bene Data, ndabahanūra kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi.


Mbivuze nk’imvugo y’abantu, kubg’ intege nke z’imibiri yanyu. Nk’uko mwaha imibiri yanyu ibiteye isoni n’umugararizo, kuba abagurano bavyo, bigatuma muba abagarariji, abe ari ko na none muha ukugororoka imibiri yanyu, kuba abagurano bakwo, kugira ngo mwezwe.


Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngw ikoreshwe n’ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana nk’abazuke bavuye mu bapfuye, n’imibiri yanyu muyihe Imana kugira ngw ikoreshwe no kugororoka.


aheze yābīre kur’ ayo mavuta ari ku rushi rwiwe, ayakoze ku gutwi kw’i buryo kw’ uyo arikw arahumanurwa, ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo, aho hantu nyene hari ya maraso y’ikimazi c’impongano.


naho yar’ Umwana, yigishwa kwumvira Imana n’ivyo yababajwe,


Kukw iyo, (ni yo yaremewe vyose kandi ni yo ibeshejeho vyose), mu kurōngōra abana benshi ngw ibazane mu bgiza, vyari biyikwiye gutunganisha rwose indōngōzi y’agakiza kabo kubabazwa.


mwirinde icitwa ikibi cose.


Wābīre ku maraso yo ku gicaniro, no kuri ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, ubicucagire Aroni n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’imyambaro yabo; nukw azoba yejejwe, bo n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’ imyambaro yabo.


Ico ni co cagezwe co ku kimazi co kwoswa, n’ico kw ishikanwa ry’ amafu, n’ico ku kimazi gitangirwa ivyaha, n’ico ku kimazi c’impongano, n’ico ku vyo kwinjiza abaherezi mw ibango, n’ico ku bimazi vy’ishimwe,


Akerere uwo mwana w’intama w’ ikimazi c’impongano, aheze yābīre ku maraso y’ico kimazi, ayakoze ku gutwi kw’i buryo kw’uyo arikw arahumanurwa, ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite