Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 8:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Mose arayikerera, yābīra amaraso yayo, ayasīgisha urutoke ku mahembe y’igicaniro impande zose, aragihumanura, araheza avyagiza ayo maraso hasi hambavu y’igicaniro, acezesha kugitangira impongano.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 8:15
23 Referans Kwoze  

Kur’ ayo maraso nyene ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw imibavu itamirana, kiri mw ihema ry’ibonaniro imbere yanje; ayandi maraso yose y’iyo masa ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana, w’imbabazi kand’ agororoka, abe impongano y’ivyaha vy’abantu.


kandi ngw ayo macakubiri, amaze kuyagira umubiri umwe, ayuzurishe n’Imana umusaraba, awicishije bga bgansi.


Ko twujujwe n’Imana n’urupfu rw’Umwana wayo, tukir’ abansi bayo, none tumaze kwuzura na yo, ubugingo bgiwe buzorushiriza kudukiza.


Amayinga mirongwirindwi agerewe ubgoko bganyu n’igisagara canyu cera, kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impongano, hazanwe ukugororoka kutazoshira, ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ ikimenyetso, ahēra cane harobanuzwe amavuta.


Kand’ abe ari k’uzohora ugenza nyene, ku musi w’indwi w’ukwezi kwose, ku vyo ugirira uwazimiye wese bo n’imburabgenge: uko ni ko muzotangira ingoro impongano.


Abaherezi barayakerera, batanga amaraso yayo ku gicaniro kw ikimazi gitangirwa ivyaha, ngo bahongerere Abayuda bose; kuk’ umwami yavuze kw ikimazi co kwoswa n’ikimazi co gutangirwa ivyaha bitangirwa Abayuda bose.


Ni yaheza gutangira Ahēra impongano, bo n’ihema ry’ibonaniro, n’igicaniro, aheze yīgize hafi ya mpene ikidora.


Kand’ ikimazi cose gitangirwa ivyaha, amaraso yaco akajanwa mw ihema ry’ibonaniro, agahongerwa ahēra, ntikize kiribge na mba: ariko kize giturirwe.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso yaco, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro.


Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.


Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere ku muryango w’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni abaherezi baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.


Az’ agikererere i ruhande y’igicaniro, ahahera i burārūko, imbere yanje; bene Aroni abaherezi bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.


Aheze akererere iyo masa imbere yanje, bene Aroni abaherezi bazane amaraso yayo, bayahereze, bayamijagire impande zose ku gicaniro co ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi gitangiwe ivyaha, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco ayavyagize hasi hambavu y’ico gicaniro.


Maz’ Abalewi barambike ibiganza mu ruhanga rw’ ayo mamasa, uheze utange imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, iyindi kw ikimazi co kwoswa, bibe ivyo nshikaniwe jewe Uhoraho, kw impongano y’Abalewi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite